OUT OF THE WAR, ENOUGH IS ENOUGH!

Telephone: (416) 913-0139

 

     

La Parole du Jour
Daily Word
Enseignements Guigoz
Dusome Ijambo
Itangiriro
Abatwandikiye
Ivyiyumviro vyanyu
Saba Amasengesho
Amafoto
Twandikire

 

 

 

 

  Abatwandikiye...

 

Ibirori vyo kugurura ishengero ya Windsor

 

Ibirori vyo kugurura isengero ya Windsor vyabaye kw’igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2005  mu gisagara ca Windsor, kiri mu bumanuko bwa Toronto. Wari umusi udasanzwe bivuye ubwa mbere na mbere k’umusi mukuru nyezina, bitumwe kandi no k’ubwinshi bwa bakristu  hamwe n’abatumire bavuye i Toronto, i Winnipeg no mu gisagara ca Detroit muri Leta nzunzubumwe z’Amerika gihana urubibe na Windsor.

Ishengero Abasaruzi ry’i Toronto ryari ryatumiwe mu kugurura iyo sengero ya Windsor. Abenshi  baritavye ubwo butumire budasanzwe ! Hariho abakirisu bababa mirongwine harimwo n’umupasitori mukuru Alfred Rusibira n’icegera ciwe Bonaventure  Ntawutarama hamwe n’umupasitori w’urwaruka Cyriaque Njenjimana. Bwabaye ubwa mbere haboneka abantu benshi gutyo bakorana mu munezero ntangere naho bamwe bava kure kandi n’ijuru ritari ryiza uyo musi. Abakristu bo mu bisagara vya Windsor, Winnipeg na Detroit nabo nyene ni ho bari.

Ibikorwa vyinshi vyari vyateguwe kur’uwo musi, nk’igikorane c’ubutumwa bwiza hamwe n’indirimbo zo guhimbaza  no gutazira Imana zirongowe ahanini n’umurwi wo gutazira no guhimbaza w’i Toronto, intambo z’ikirundi hamwe n,abantu batandukanye bagiye barafata amajambo 

Umwe mu bafashe amajambo yaravuze ati nk’uk’iyo inyubakwa yo gukoreramwo yose yuguruwe, haba hari igitigiri c’ibikorwa ku nyungu y’abantu bose kand’abo  bantu baba biteze kwakirwa neza iyo bituye  kur’ivyo biro. Mur’ubwo buryo nyene, ishengero turigereranya n’inyubakwa yo gukoreramwo canke ibiro vy’abakozi, ah’ibikorwa bitandukanye birangurirwa : abarwayi bategerezwa kuharonka gukira no kubohoka, abashonje mu buryo bw’impwemu canke bw’umubiri bategerezwa kuharonka ico bafungura, abababaye bakaharonka kuremeshwa, n’ibindi tutabanje kudondagura. Mu yandi majambo, isengero n’ibiro kand’umukur’asumb abandi arirongoye ni Yesu,  Umukiza wacu   (Matayo 16 :13)

Ikind’ikintu dukwiye gufata  canke kumenya n’uko ikintu gikuru catumye Yesu Christo aza mw’isi kwar’ugushiraho ishengero canke gutanguz’ishengero. Twaribukijwe rero ko twari dukwiye gushinga amabendera ariyo masengero kuri  twebwe abakijijwe !

Umupfasoni Eugénie Ngenzi ni we rero yashinzwe imberey’amategeko kurongora nk’umwungere cank’umupasitori w’iryo shengero rya Windsor. Abandi bapasitori cank’abungere b’amashengero  bari bahari barasabwe kumurambikakw’ibiganza. Kuva rero ku wa gatandatu, igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2005, abarundi n’abanyarwanda bararonse ibiro bakoreramwo ! Turashobora gushimira Imana twese kubw’ico gitangaza yakoze. Nkako, uruhome rw’amasengesho rwarubatswe kandi ntakizohagarika canke ntakizobuza igikorwa c’Ishobora vyose. Turabasaba ngo musengane ubwira kubwa Pasitori Ngenzi kugira ngo  mu gikorwa ciwe, Imana ikomeze kuba isoko ry’ubwitonzi, ubwenge, urukundo kandi yagukirwe mur’ico gikorwa.

Imana ibahezagire

 

UMUTONIWASE KATIA

 

La cérémonie d’inaguration de l’église de Windsor

 

La cérémonie d'inauguration de l'église de Windsor prit place le 23 Avril dans la ville de Windsor, qui se trouve au sud de Toronto. Ce fut un jour particulier tout d'abord dûes à la nature et l'ampleur de l'événement, mais aussi par l'appel massif de plusieurs fidèles et invités venant de Toronto, Winnipeg ainsi que la ville de Détroit aux Etats-Unis qui se trouve à la frontière de Windsor.

En effet, L'église Abasaruzi de Toronto fut officiellement invitée pour l'Inauguration de l'église de Windsor. Nombreux furent ceux qui répondirent à cette invitation spéciale! Il y avaient presque 40 fidèles y compris le Grand Pasteur Alfred Rusibira ainsi que son assistant Bonaventure Ntawutarama et le Pasteur des jeunes Cyriaque Njenjima. Ce fut une première d'avoir autant de gens participer de manière si entousiaste à cet événement malgré la distante et le climat loin d'être l'idéal ce jour!  Etaient présents aussi des fidèles de Windsor, Winnipeg ainsi que Détroit

 Plusieurs activités avaient été préparées pour l'occasion; à savoir le culte accompagné des chants de louange et adoration essentiellement conduits par le groupe de louange et adoration de Toronto, les danses burundais ainsi que des interventions de différents individus. L'un des intervenants a souligné que de la même manière lorsqu'un bureau quelconque est établit, ce bureau est supposé avoir un nombre de fonctions au service du public et le public aussi s'attend à obtenir des services bien spécifiques lorsqu'il se rend dans ce bureau. De la même manière, l'église reprèsente un bureau dans lequel diverses fonctions devraient y être accomplies; les malades devraient y trouver la guérison et délivrance, ceux qui ont faim que ce soit spirituellement ou physiquement devraient y trouver de quoi manger, ceux qui sont meurtris le réconfort, etc. En d'autres termes, l'église est le bureau dont le chef principal est Jésus Notre Sauveur.  Référence: Matthieu Ch. 16 v. 13  

 Autre chose à retenir, c'est que la raison majeure de la venue du Christ fut d'établir son église. Il nous a été donc rappelé que nous devrions établir les drapeaux que sont pour nous Chrétiens, les églises!

Mme Eugénie Ngenzi fut donc officiellement consacrée en tant que Pasteur de l'église de Windsor. Tous les pasteurs présents furent invités pour lui imposer les mains. Ce donc depuis Samedi le 23 Avril 2002, les communautés Rwando-Burundaises ont donc eu un bureau à leur service! Nous pouvons tous rendre grâce à Dieu pour l'accomplissement de ce miracle. En effet, une muraille de prière a été dressée et que rien n'arrêtera l'Oeuvre du Tout-Puissant. Nous vous invitons à prier avec ferveur pour Pasteur Ngenzi dans son ministère afin que Yahweh continuent d'être sa source de sagesse, intelligence compassion et amour et que son territoire soit élargi. 

Que Dieu vous bénisse.

UMUTONIWASE KATIA

 

Igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2005

None si jewe nkwibaririye, nti shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uzoja hose (Yosuwa 1 :9)

 Yosuwa ategerezwa kuba yari umuntu atinya  canke atubahuka muri kamere yiwe, ariko tumubona nk’umuntu akomeye w’inguvu, w’umunyabwenge tumuravye ingene yahagaze abami ku gikanu ayoboy ab’ Isirayeli gushika ku nstinzi y’abansi bahambaye. Aya mategeko avuye ku Mana yamushoboje kwama afise inkomezi n’umwete. « Nuko ntutinye, nturanduke umutima ! » Kubera iki Imana yabariye Yosuwa ibi. Yosuwa yari umuntu atinya, ariko Imana yari izi ko ashobora kuba umurongozi mwiza agize umwete. Abantu batinya bavamwo abayobozi beza iyo bagize ukwizera gukomeye. Barazi intege nke zabo kandi bagatahura  ko inkomezi zabo, ubwira no kudatinya canke kubahuka biva ku Mana.

 Niko vyari no kuri Yosuwa iyo yerekana ubwoba n’isoni imbere y’ingabo zikomeye zikikije ab’Isirayeli, ingabo ziwe zose zari gutekerwa n’ubwoba. Abarongozi bategerezwa kurongora. Ni co gituma Imana yatanze iri sezerano ryiza:”Kuko jew’Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uzoja hose.” Ibi vyazaniyeYosuwa umwete yarakeneye. imirongo ikurikira ivuga ngo:” Maze Yosuwa abarira abagaba abantu, ati nimugende munyurangane aho mushagaje,mubarire abantu, muti nimurondere impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka rurya ruzi Yorodani, kugira ngo mwinjire ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire.” Isezerano Imana yasezeraniyeYosuwa kw’izobana nawe ryamwujuje umwete rimukuramwo ubwoba kugira abandanye, rimwuzuza impwemu yo gutera imbere n’intsinzi. Imbere y’ibisagara bizitiye gushika hejuru, imbere y’ingabo nyinshi zingana n’umusenyi wo ku kiyaga, yarazi ko Uhoraho Imana yiwe ari kumwe na we; kandi iyo yari intsinzi. Iyo tugendeye ku mabwirizwa canke ku mategeko y’Imana, tuba mu bwiza bwayo.

 Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane n’abantu b’Imana. Amen.

NAHIMANA ALPHONSE

April 18th 2005

Have not I commanded you? Be strong and of a good courage: Be not afraid, do not be terrified; do not be discouraged; for the Lord your God will be with you wherever you go. (Joshua 1:9).

.Joshua must have been a timid man by nature, but we picture him as a strong, brave general as we see him with his foot

On the neck of heathen kings a leading the armies of Israel to victory over mighty, multitudes of the enemy. These instructions

From the Lord urged him again and again to be strong and of good courage-“Be not terrified, be not discouraged!” Why

 Was this? Joshua was timid, but God knew that he would be a great leader if only he had courage. Timid people make

Good leaders if their faith is strong. They know their own weakness and realize that all their strength and courage and

Fearlessness must come from God.

So it was with Joshua Had he shown fear and dismay before the mighty armies that outnumbered Israel, the whole

Army would have fallen into panic. Leaders must lead. So the Lord gave this great promise: “For the Lord the God is with thee Whithersoever thou goest.” This brought Joshua the courage he needed. The very next verses say:” Then Joshua

Commended the officers of the people, saying, pass through the host, and command the people, saying Prepare you victuals:

For within three days ye shall pass over this Jordan, to go in to posses the land, which the Lord your God giveth you to possess it.” The Lord’s promise to be with Joshua filled him with fearless zeal to go forward, the spirit of advance and victory.

Before the cities “walled up to heaven,” before the great warriors, before vast hosts like the sand of the sea, he knew that the

Lord his God was with him; and that was victory. When we go on God’s orders, we have God’s presence.

 The grace of the Lord Jesus be with God’s people Amen.

NAHIMANA ALPHONSE 

 

 

 

 

 

 

 

 

Ndi Imana ibakiza

PASTEUR Philippe Joret arongoye ishengero Centre Languedoc Evengile ryo mubu Faransa yari yagendeye ishengero ry’umushumba mwiza « Eglise du Bon Berger » riri mu ngagara i Bujumbura rirongowe na Pasteur Rutayisire.

 

Rimwe mw’izina ry’Imana, n’Imana idukiza « Jehova Rafa »

Mbega mwari muzi ko Iamana ar’umuganga ????????

Hari amasezerano abiri : Isezerano rya kera n’Isezerano rishasha

Rimwe rihagarariwe na Mose irindi na Yesu, kandi buri Sezerano ryose ririmwo isezerano rivuga riti : ndi Imana igukiza.Kuvayo 15 :26.

 Iman yitwararika amagara yacu, isuku ukubaho neza n’ibindi …………..

Irwara ni kwitandukanya n’izindi ngingo.

Imana rero ntikunda ko haba gutandukanya, niyo mpamvu yavuze iti mube umwe nkuko jewe na Data turi umwe.

 Isezerano rishasha naryo ritangurwa n’amajambo ya Yesu : ……ati mpwemu w’uhoraho ari kuri jewe, nico catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza ; yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumuka, no kubohora abanywagutse imitima. Luka 4 :16-18

 Igihe yavuga ayo majambo yavuze ati rirakwiye kandi rirashitse.

Ibango rya kristo ryagaragajwe nivyo bikorwa vyose.

 Aho Imana iri haba agakiza ko ku mutima nako ku mubiri.

 Dukorera Imana ikunda gukiza.Hallelua Amina

 Yesu yaje no kudukurako guhahazwa n’umurwanizi.

Aboro si aboro ba mahera gusa ariko hari abo Satani yanyikije mu vyaha.

 Ubwami bw’Imana ni ubuzima.Amina

 Ijambo ry’Imana ritubwira ko amaraso ya Yesu atuvugira.

Icete catwagiriza carahanaguwe.

Rivuga riti mu mishishagu ya Yesu twarakize irwara.

 1.Ni ubugombe bw’Imana kudukiza

2.Ugukira biri mu kiguzi Yesu yatanze

3.Agakiza kagaragaza gukira

4.Birasaba kandi kugira ukwizera

 Intumwa Petero ishira hamwe gukira kw’imitima hamwe n’imibiri. 1Petero 2 :24

 Yikoreye ubumuga bwacu n’irwara zacu

Pour le salut et la guérison, c’est le même principe :

*Ni wizera mu mutima wawe kandi ukaturisha n’akanwa kawe……. 

Kumenya ko Yesu yatubabarijwe, bituma birema ukwizera muri twebwe.

 Kuroranirwa muri vyose biri mu mugambi w’Imana.3Yohani2

Yesu niwe adukiza ivyaha akanakiza imibiri yacu.

 Uko wiyumvira birafise ingaruka ku amagara yawe

Kumera neza mu mushaha bituma uroranirwa no mu mubiri.

 Hari akaruhuko duhabwa hamwe n ‘akaruhuko turonka

Kamwe n’ingabire akandi n’icamwa c’imigenderanire yacu n’Imana

 1.Ukwizera gukwega ibitangaza

Akarorero1 :Umugore yari amaranye irwara y’ubutinyanka igihe kirekire, ariko amaze kumva   ivya Yesu, yizera mu mutima wiwe yuko naho yokora ku buyonga bw’impuzu yiwe yokira. Mariko 5 :21-34

 Akarorero2 : Akaruru ko kwizera karahagaritse Yesu.

Impumyi Barutimayo yumvuse ko ari Yesu arenganye imbere yiwe yihereza induru arasemerera ati Yesu mwana wa Dawidi ngirira imbabazi. Ugutakamba kwiwe kwaramukijije.       Mariko 10:46-52

 Nico gituma keshi Yesu yama akeneye abantu bafise ukwizera, abakekeranya nabo akabahindira hanze. Mariko 5:37-42.

Iyo hari umwuka wo kwizera bikurura ibitangaza .

Ivyakozwe n’intumwa 14:9

 2.Amajambo

Imana irungika amajambo yayo kudukiza.

Akarorero: inabukwe wa Petero. Luka 4:38-39

Hari ububasha mu majambo yacu

 Hari igitangaza gishobora kuva mu kanwa kawe ni wizera

 Ijambo ry’Imana rizana amagara.

Ururimi rw’umunyabwenge ruzana agakiza.

 Akarorero: Cobalt

-bayikoramwo bombe ishobora gushwiragiza ubumara mu kirere no mu biyaga, igatikiza

ingamba

-iyo cobalt niyo bakoresha mu gukora imiti yo gukiza irwara ya cancer.

 Iyo cobalt twayigereranije n’ururimi

Rushobora kuzana urupfu canke ubuzima.

Bagabo atura amajambo meza ku bagore banyu.

 Inkuru nziza ikomeza ingingo z’umuntu.

 

NSABIMANA BLAISE

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Luka 2:8-20 Abungere

Amajambo y’Umukozi w’Imana Docteur Bahjat Batarseh

 Igikorwa ca nyuma umuntu yokwifuza gukora muri birya bihugu vyo mu kigobe c’abarabu ndetse nino iwacu n’igikorwa c’ubwungere, n’akazi gakengeretse cane.

Iyo wabuze ikindi ukora uca wibera umwungure.

 Birashoboka ko abo bungere baragira intama kugira baze batoremwo nziza zo gutangako ikimazi; igihe babonekerwa babwirwa ko ubu gutanga ibimazi biheze kuko Umwana w’Imana abavukiye , uwo niwe agira yitange kw’ikimazi rimwe gusa .

 Bakibonekerwa, ubwiza bw’Imana bwakayanganiye irya n’ino.

Mur’iki gihe birashoboka ko Ubwiza bw’Imana bugaragarira ahantu abantu batiteze Atari mw’ishengero canke mu vyumba vya masengesho,….

 Abantu ba mbere babonye Umwami Imana ni abungere, abo bungere bari abantu basanzwe ata numwe yar’abababaye ariko Imana yarabagendereye.

Nawe uyu musi urashobora kuvuga ko atawukubabaye, ataco umaze, ariko abari basuzuguritse nibo batanguye kuronka Ubutumwa bwiza bw’akanyamuneza, Ijambo beshi bifuza kuvuga: Mesiya araje

 Ubwo butumwa buhambaye ntiyabuhaye Herodi canke abaherezi,…ariko yarihaye abungere.

Abo bungere n’iki bari bafise kibatandukanya n’abandi?????

 1.Bama bari maso abandi basinziriye

   Mube maso musenge ntimurwe mu masha mabi.Matayo 26:41

   2.Barumvira

   Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw’ijuru, nya bungere baravugana, bati ngo rero tuje i Betelehemu, turabe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje. Bagenda banyaruka,..

Iyo barindira bugaca izuba  ryari kuza , inyenyeri nazo zikazimangana, ntibari gushobora gutora aho Mesiya yavukiye kuko inyenyeri yo nyene niyo yabarongora ikabaj’imbere kugira ibereke aho yavukiye Mesiya.

Keshi Imana iravugana natwe ariko keshi dusubiza inyuma ico Imana itubwiye, kubwo kutumvira.

Abungere bo baciye bagenda ubwo nyene ata mwanya bataye.

 3.Babonye Yosefu na Mariya na Yesu aryamye mu bwato

   Vyari bigoye ingene abo bungere bashoboye kwizera ko ari Mesiya aryamye mu bwato.

   Ariko bo ntibaravye ivyo babonye n’amaso yabo ariko bumviye ijambo babwiwe baratura bati vy’ukuri uyu ni Mesiya kabisa.

 4.Baciye bahindukira bagenda bararirimba

   Iyo wumviye Imana, umutima wawe wose wuzura umunezero.

Noeli nziza n’Umwaka mushasha muhire w’2005

NSABIMANA BLAISE

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Luka 1:26-56 Mariya

Umukozi w’Imana ava mu gihugu ca Jordanie yitwa Docteur Bahjat Batarseh yari yagendereye igihugu cacu kuva kw’igenekerezo rya 26-29/12/04.

Ubwo n’ubutumwa yavugiye kw’ishengero Vivante ryo kw’ijabe

 Imana ikora ikintu igikuye mu busa.

Ni kuki yatoranije Mariya?

Mbega nta bandi bigeme bari isugi mur’ico gihe ??

Ni kuki rero ariwe yatoranijwe ????????

Ni kuki Imana yamutoranije ?

 1.Imana yabihisemwo uko

   Ntibiva ku muntu ariko biva ku Mana, itoranya uwo ishaka .

   Paulo ari mu nzira aj’i Damasiko agiye guhonya abakristo, ariko akany’isase Imana iri    mw’Ijuru iravuga iti uyu musi ndagutoranije ngo ube igikoresho canje ; birashoboka ko mw’Ijuru bavuze bati ni kuki Imana itoranije uwo muntu yariko ararwanya Izina ry’iwe kandi yica n’abahagurutse kwamamaza ubutumwa bwiza ?????

Ico mukwiye kumenya nuko : Iyataba ubuntu bw’Imana twese tuba turi mu muriro udahera.

2.Nuko yari aciye bugufi.

   Imana yaravye ubufafara bw’umujakazi  wayo.

   Abantu beshi barishira hejuru kandi ataco barimwo.

   Akarorero : Mwese ndibaza ko muzi igipurizo, keshi kuri Noeli canke mu yindi misi mikuru usanga bimanitswe ahantu     heshi  bivyimvye , ariko ugifashe ukagicumita agahwa gato gusa gica gipompororaka, nta nakimwe kivamwo usanga indani kigaragara, niko n’abantu bameze barivyimvya , indani har’ubusa.

Mariya amaze kubwirwa ko azovyara Yesu,ntiyishize hejuru ariko yavuze ati : Ubugingo bwanje butazira Umwami Imana, umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje.

3.Yarashonj’Imana.

    Hahirwa abafise  inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw’ari bo bazohazwa.Matayo5 :6

    Imana ihaza abashonje gusa.

4.Ukwemera kwakira ic’Imana imubwiye.

   Imana ikivuga yavuze ati : Nd’Umugurano w’Umwami Imana bibe nkuko ubivuze, yaciye  avyemera ubwo nyene.Hari ibintu Imana itubwira bigoye gutahura ariko kuko ariyo ibivuze tukavyakira uko nyene kuko Iyaturemye ntiyibesha na gatoyi.

5.Yarizeye, yemeye ibidashoboka

    Akibwirwa amajambo ko azoba nyina w’Umwami Imana, yatanguye kuvuga ati mbega ko ntaramenya icitwa umugabo ivyo bizoshoboka gute ?

Umumarayika  aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw’Isumba vyose buzogutera igitutu…..,Mariya nawe ntiyagararije ariko yaciye yemera .

Hashize igihe aja kwa Elisabeti kumuramutsa.

Elisabeti yamubwiye ati : Hahirwa wewe wizeye, kukw’ivyo wabwiwe n’Umwami Imana bizoshika.

6.Yemeye kwambara isoni

    Mu kigobe c’abarabu, iyo basanze umwigeme atari isugi ku musi w’ubugeni bwiwe , baca bamusubiza  muhira bakamwicisha amabuye, kandi  Se yamuvyaye niwe atangura gutera ibuye rya mbere kuko aba akojeje isoni umuryango wiwe.Na Yosefu yari yaramukoye abonye afise inda yashatse kumubengera mu mpisho,aho nuko Bibiliya itatubwira abavyeyi biwe ingene bari bamerewe kubona umwigene wabo atwarira inda muhira, urumva ko Mariya yari mu bihe bitoroshe.Matayo1 :2

Ico vyogusaba cose, barabereye kumvira Imana

Impanuro ku bigeme bose mbere n’imisore birabereye ko utemerera umuntu n’umwe kwonona umubiri wawe kuko uri ingoro ya Mpwemu Yera

7.Yama ashira hejuru Yesu ntiyishira hejuru

    Umutima wanje uhimbaa Umwami,…

    Yohani 2 :6 Ico ababwira cose mugikore

     Twame dushira hejuru Yesu kuko n’Imana ihambaye.

8.Yabitse ijambo ry’Imana mu mutima wiwe. Luka 2 :19

    Muribuka ijambo yabwiwe na Elisabeti ati Ivyo wabwiwe n’Umwami Imana bizoshika

    Mariya amajambo yose yabwirwa yayabika mu mutima wiwe kandi akayiyumvirako.

    Nabitse iajambo ryawe mu mutima wanje  ngo noye kugucumurako. Zaburi 119 :11

   Noeli nziza n’Umwaka mushasha muhire w’2005

 NSABIMANA BLAISE

 

 

 

Mwene Data Nsabimana Blaise yanditse ati...

 

Hari ikintu cama kitwomako iminsi yose waba uri umurongozi, umurirmvyi, canke wambara neza,kwiga amashure meshi, ubwiza,…….ivyo vyose n’ibindi wama usanga bizana ubwibone mu mutima w’umwana w’umuntu.

Ezekiyeli 28:11-19, ico gice  gitangura cerekana ingene Satani yari

 

agahambaye hama ivyo bimutera ubwibone, igice ca 17 nico kivuga giti:

Ubwiza bwawe ni bwo bwateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro

 

cawe ni co cononnye ubwenge bwawe; ngutsinze hasi, nkurambitse imbere y’abami ng’ubabere akabarore.

Ariko ab’I filipi 2:8 hatwereka ingene Kristo yahevye icubahiro
yar’afise mw’ijuru gushika naho aza kw’isi agapfa urupfu rw’agashinyaguro.
 

Ijambo ry’Imana ridusaba ko twokwikura ubwibone tukambara guca bugufi,.

Kristo niwe yatubereye akarorero muri vyose kuko igihe cose yamaze kw’isi yakomeje guca bugufi haragera n’igihe yogeje intumwa ziwe ibirenge.

 

Twebwe ntidukurikira satani ariko dukurikira Yesu kuko ariwe yemeye kwicisha bugufi hama uguca bugufi kwiwe kuraturonsa agakiza kuko atatewe n’isoni yo kwambara amenya ku musaraba.

Muri iki gihe ca nyuma Imana ishaka gukura ubwibone mu bana bayo no
mw’ishengero ryayo kugira hashobore kuboneka icubahiro cayo gusa.

Iyo mu bugingo bwawe umenye ko ataco urico, ni ho Imana iza muri wewe ikaguhindura.
 
Umukozi w’Imana Paul yakomeje kugaragaza icubahiro c’Imana mu kwicisha

bugufi, ninayo mpamvu Imana yamukoresheje ibikomeye. Filipi4:13

Muri iki gihe ishengero ry’Imana riranyeganyega, mbese riri mu ntege nke kuko huzuye ubwibone; umuntu wese ashaka kuja hejuru, ninayo mpamvu amashengero meshi aguma yica ibice kuko umwe wese ashaka kuba mukuru.

Reka dusabe Imana iducishe bugufi kugira icubahiro cayo aba ari co kiboneka, twebwe dutahure ko turi abakozi b’imburakimazi dukora ico twategerezwa gukora.

Ico urico ubu n’Imana yakikugize wewe ubwawe ntaco urico.

 

 

Votre frère en Christ Nsabimana Blaise

 

 

 


 

Mwene Data Nsabimana Blaise yanditse ati...

 

Ijambo z'umusaraba n'imbaraga ku bizera 

Muri uku kwezi kwa Ruhuhuma duhejeje, twari twagenderewe n’abakozi b’Imana bava mu gihugu ca Iles Maurice hamwe no muri Kenya. Evangeliste Linsay Lajeunesse, Pasteur Ruben Ramsawmy na Pasteur Joseph Mwangi.

Abo bakozi b’Imana bahurikiye mw’ishirahamwe  CTMI : CHURCH TEAM MINISTRIE INTERNATIONAL, bagendereye amashengero meshi yo mu gisagara ca Bujumbura: (Eglise Vivante de Rohero, Eglise MINEVAM,Eglise FECABU,…… ) Aho bagiye hose bagenda bavuga ubutumwa bwiza bufatiye ku musaraba wa Kristo, kuko ata kindi gishobora guhindura umuntu atari imbaraga ziri mu musaraba wa Yesu.
 

Votre frère en Christ Nsabimana Blaise

 


 


 

 

 

Mwene Data Vivine Umutoni yanditse ati...

 

Korera  Imana ugifite  Umwanya!

 

Benedata bakundwa , shuti, namwe bavandimwe Yesu ashimwe cyane!

Mbere na mbere mbifurije Umwaka mwiza wi 2004, uzabe umwaka

wo kubiba no kwuhirira imbuto nyinshi, bityo iyo mw’ijuru izabibona izikuze.

 

N’umunezero mwishi kuba turi muri bamwe mur’iy’Isi batoranijwe kugirango tuvuge

Ubutumwa bwiza .Tutabiheshejwe naho dukomoka , ubukungu, amashuri cyangwa uburanga ; ahubwo tukabiheshwa n’ubuntu twagiriwe  bwo kuba abana b’Imana.

 

Ibyanditswe  byera bitubwira ko kera tutari ubwoko bw’Imana, ahubwo ko twari ibiremwa byayo, ariko kubw’imbabazi n’urukundo rwayo iduha umwana wayo ikunda cyane ngwadupfire kubw’ibyaha byacu, maze kubw’imibyimba ye tuba abana b’Imana.

 

Rubyiruko mwebwe mwahamagawe  mukiri bato n’ubuntu mwagiriwe  kuko hari benshi bavuga bati :” iyo menya Imana mu minsi y’ubusore yanjye nari gucungura byinshi”.

 

None rero benedata  rubyiruko  ndabahugurira gutumbera Yesu wenyine,  mu mukorere mugifite umwanya. Ndizera ntashidikanya ko Imana ifitiye umuntu wese imigambi myiza. Yeremiya 29:11 “imigambi y’Imana  ni myiza si mibi ukomere ushikame.” Iki n;igihe cyo gukorera Imana ugifite uburyo, ukorere Imana mu minsi y’ubusore bwawe ugifite imbaraga.

 

Umubwiriza 12: urebe impande yawe urebe ibigukikije , ugomba  kuba mu masengesho, ukagira ishuti nziza  muhuje kwemera, ugasoma Ijambo ry’Imana iminsi yose niryo nkota turwanisha, ugomba kugira ibihe n’Imana ukayereka ko ishobora byose ko wowe wenyine  utakwishoboza. Ibyo ukora byose ubikorane kwizera kuko iyaguhamagaye ariyo kwizerwa. Ushake  Imana kurusha uko wigeze kuyishaka ,uyikunde kurusha uko wigeze kuyikunda .

 

Ndaguhugurira gukunda ubutatu butagatifu (Imana, Mwuka Wera, Yesu Christo) kuruta uko wigeze kubikora, ukomange  maze urebe icyo Imana yifuza ko ukora, ntiwite k’ubyo ureba cyangwe wumva; ahubwo wite kucyo Imana ikubwira . Mureke tuve mu by’ibanze  tujye imbere tuzane bene wacu tubazanije urukundo, ubugwaneza , tubamurikishirize Umucyo dufite n’ibindi byose biva ku Mana.

 

Iyo umwana avutse aba ari mwiza kandi aba afite igikundiro cyinshi ababyeyi be nibo bamwitaho, bakamuha ibimutunga kugeza igihe azakura nawe akitunga. Iyo yageze mumyaka yo kwitunga, ababyeyi be baramureka kuko baba basohoje ishingano zabo, uko niko bigaragarira abo babyeyi ko umwana wabo yakuze kuko aba ashobora kwibeshaho.

 

Niko Imana bimeze nink’uwo mubyeyi igihe wavukaga bwa kabiri (born again) wavutse ur’umwana muri Yesu; 1ABAKINTO 3:1.   Umaze kuvuka ub’ur’uruhinja mu buryo bw’Umwuka.  Umwuka Wera nk’Umufasha, Umujyanama mwiza niwe akurera nka kurya umubyeyi w’umubiri arera umwana we, icyo gihe uba utarabona ibikugerageza byishi;  ubwami bw’Imana nibwo bukwitaho ariko uko ukura mu Mana, Imana yifuza ko  uva harya wakirijwe I horebu ukambuka ukajya mu gihugu cy’ amasezerano.

Yifuza ko ugendera mu gushiramanga kwayo. ABAHEBURAYO 5:13-14, yifuza ko urya ibiryo bikomeye.  Ni nka kurya wa mubyeyi abona umwana we yitunga atakimusaba ibimutunga ahubwo ariwe  umutunga bikamunezeza.  N’Imana nuko iyo ibona uvuga ubutumwa bwiza, uyikorera; birayinezeza  iyo ibona usoma  ijambo ryayo, ugasenga ukishakira ibyo kurya by’Umwuka birayinezeza . Niyo ukoze ibadatunganye ariko ukicisha bugufi ukatura ibyo wakoze ni yo kwizerwa kandi ikiranuka kukubabarira ibyo wakiraniwemwo byose .

 

1 YOHANA 1:9, iki ni gihe cyo gukura tukareka kuba abana mu buryo bw’umwuka tugacunguza uburyo umwete mu byo dukora, erega ubwami bwo mw’ijuru buratwaranirwa kandi intwarane zibugishwamo imbaraga, twese turamaranira kugira iherezo ryiza, twese gakondo yacu ni mw’ijuru.  Twirinde kandi turinde Imibiri yacu kuko ar’Isengero y’umwuka uba muri twe.

 

1ABAKORINTO 3:17-23, ibyo bigutere guhora ukora ibishimwa n’Imana wi yambure imyenda yo gukiranirwa wambare iyo gukiranuka . Imana ntizatuma umukiranutsi akorwa n’isoni ngo abure icyo yifuza kuko ibumbura ukuboko kwayo igahaza ukwifuza kw’abana bayo.

 

LUKA 12:27-31,  ntiwiganyire na gato ahubwo ushake ubwami bw’ Imana ibindi byose uzabyongererwa , Imana izakuvubira ubuntu bugukwiye Imana izabana n’ubwoko bwayo nkuko yabanaga nabo mu bihe bya shije.

 

GUTEGEKA KWA KABIRI 31:6 Mukomere ,mushikame, ntimubatinye, ntimubakukire imitima:kuko Uwiteka Imana yawe ubwayo izakujya imbere ;ntizagusiga ntizaguhana. Ibyo urimwo gucamwo byose ntutinye, Imana izakuneshereza ntabwo izaguhana , ntutinye izagufasha muri byose.  Iminsi yose wibuke ko Imana igukunda kandi ko wakowe amaraso y’ igiciro ibyo byose bigutere gukorera Imana mugihe ugihumeka umwuka w’abazima .

 

Imana ibahe Umugisha utagabanije. Ubuntu bw’Imana , amahoro yayo abane namwe mwese ubu n’ibihe bidashira Amen.

 

 

Votre Soeur en Christ Vivine Umutoni

 

 


 

    Mwene Data Nsabimana Blaise yanditse ati...

 

 

“Ivyo bizobaho bite?” Luka 1: 34

Ico ni ikibazo umuntu wese yama yibaza iyo ashikiwe n'ibintu adatahura,
canke iyo azazaniwe mu buzima, yabuze umuti wavyo, akibaza. ati ivyo
vyoshoboka gute?

Na Mariya yaribajije ico kibazo  igihe Umumalayika Gaburiyeli yaramaze
kumubwira ko azovyara umwana w'umungu akamwita Yesu, ivyo vyatumye Mariya
azazanirwa kuko atumva aho uyo mwana azova kuko atigeze kubonana nicitwa
umugabo. Namwe ndazi neza ko ico kibazo mwari kucibaza, canke mukagira amazinda.

Mu gihugu cacu c'Uburundi murazi mwese ibihe duhitiyemwo vy'ingwano
yurutavanako ihuza bene Burundi. Nk'umuntu yari ino kuva 1993 yamwe yibaza
ico kibazo, ngo mbega bizoshoboka ko abarundi bashobora gusubira kubana?
Ivyo vyari nk'umugani.

Uko imisi yaguma igenda ninako abantu bakomeza guta ivyizigo. Abakozi
b'Imana baraza i Burundi bakavugishwa ko Uburundi bugira buronke amahoro,
abantu bakarindira gushika naho bihebura kuko ibintu vyakomeze kuyangara
canke vyunyuka.

Ivyo binyibutsa igihe Imana yasezeranira Aburahamu ko kuruvyaro rya Isaka
ariho azoronkera umugisha; n'imwiyumvire namwe ingene Aburahamu yumva
amerewe muri ico gihe cose yamaze arindiriye isezerano ry'Imana; imvi
zikamwuzura umutwe gushika naho n'imishatsi yose imuherako arindiriye akana
Imana yari yamusezeranije. Ni mwumve namwe igihe Uhoraho yari ahejeje kubwira  Sara ko azoba inakuruza w'amahanga; Aburahamu yaciye apfukama,
arunama aca aratwenga, ivuganiriza mu mutima, ati Mbega umwana  yovyarwa
n'umaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?
Aburahamu abwira Imana, at'icompa Ishimayeli agakomera, akaba imbere  y'inyonga zawe!Imana iramwishura, at'oya, ariko kuri Sara umugore wawe ni
ho uzovyara umwana, Itanguriro 17:17-19
 
Ariko bene Data ico nobabwira n'uko dufise Imana ikomeye ica inzira ahatari
inzira, irya nyene yajabukanye abana b'israeli ikiyaga gitukuru ikabacira
inzira igororotse hagati mu kiyaga, ninayo nubu iriko iraca inzira muri ibi
babazo vy'uburundi.
  
Muri Yesaya 55: 8-9 : “Kukw'ivyiyumviro vyanje Atari vyo vyiyumviro vyanyu,
kandi inzira zanyu atari zo nzira zanje, ni k'Uhoraho agize. Mbere
nkuk'ukw'ijuru ryitanguye isi, ni kw'inzira zanje zitanguye inzira zanyu,
n'ivyiyumviro vyanje vyanje vyitanguye ivyiyumviro vyanyu.”
 
Mwene Data ivyo woba uriko uracamwo vyose canke ivyo amaso yawe yoba ariko arakwereka, ivyo ntaco bitwaye, kuko kugeragezwa canke ibibazo ntibizobura kuza ariko ico nogusaba muri vyose komeza uhange amaso yawe kuri Yesu ni nawe ukora ivyananiranye, ni bitumwako, n'inserukarukamvye, ....Umukozi w'Imana niwe yigeze kuvuga ati: Jésus est le spécialiste de l'impossible.

Votre frère en Christ Nsabimana Blaise

 

 


 

 

    Mwene Data Nsabimana Blaise yanditse ati...

 

 

Birahimbara Imana iyo ibonye abantu bayo bashaka guhinduka.
 
Yesu ntiyapfuye kugira abantu baronke imiduga, biyubakire amazu, canke amafaranga n'ubundi butunzi; ariko yapfuye kugira duhindurwe nawe, duse nawe.
Abantu ntibakeneye ko tubereka ubutunzi dufise canke ko twahezagiwe kuko n'abapagani barafise ibintu mbere vyishi kurusha n'abakijijwe, ariko  bakeneye kubona muri twebwe guhinduka.
Kubona mu ngo z'abakristo hari ukumvikana, harangwa amahoro 
n'umunezero; eka urukundo arirwo rwiganziye inzo ngo. Ivyo  cane cane nivyo bituma abatazi Imana bifuza gusa natwe, s'amajambo tubabwira ariko nivyo batubonako.
 
Ubwoko bw'Imana bwaratakaje rwa rukundo rwa mbere, birirwa barakora 
Ibikorwa vyishi ariko ntarukundo.
 
Hak'urwo rukundo rwogenda rukura mu bugingo bwacu dusanga rwagiye 
ruratituka kuko twitwararika gukora ibikorwa vyishi, ugasanga ca kiyago hagati mu bakristo carahavuye, umwe wese yikorera ivyiwe.
 
Apocalypse 2 :2-7
 
Imana irazi ibikorwa turiko turayikorera, n'ubutame bwacu, 
n'ukwihangana kandi ko tuzi kugenzura abiyita intumwa atari zo, eka n'ibindi…
 
Eka hari vyishi dushobora gukora ngaha mw'isi (amahugurwa, 
ibikorane,...). Ata rwa rukundo rwa mbere, ivyo ntibihimbara umutima w'Imana.
 
Ahari urukundo usanga abantu bakunda guhura, ariko iyo rutosekaye 
usanga umwe wese ashaka gukora ivyiwe, umutima wo gukorana na benedata ukahava, hagaca haduka mu bakristo guhiganwa, hama rwa rukundo rwa mbere rukayonga.
 
Umukozi w'Imana Evangéliste LINDSY yatanze akarore avuga ko hari 
abakristo bagenda kuvuga ubutumwa bwiza mu bapagani kandi muri bo ata rukundo bafise; aca avuga ati: “ mbega urwo rukundo rwo gukunda abapagani worukura he kandi na beneso utabakunda ???”
 
Yarangije asaba ishengero gusaba Imana ibahe umutima wo gukunda 
ijambo ryayo nk'ubwa mbere, aca atanga akarore ingene umuntu agikizwa aba afise umuriro mwishi cane, agakunda gusoma ijambo ry'Imana, kubwira ubutumwa uwo bari kumwe, muri bus, eka n'ibindi vyishi namwe murazi ingene umuntu agikizwa  aba afise
ishaka ryishi cane, yemera guheba vyose kubwa Kristo.
 
Nitwasubirana rwa rukundo rwa mbere ruzodutuma dusubira gukunda Yesu n’umutima wacu wose , n'ubwenge bwacu bwose, n'imbaraga zacu zose,...

 

Votre frère en Christ Nsabimana Blaise

 


 

 

Mwene Data Ndayiziga Alain Patrick yanditse ati...

 

 

Yesu Ashimwe caaane,

Ndanezerewe no kubona pour la première fois website y'abakristo b'abarundi n'abanyagwanda.

 

Ndashimye cane Imana yabashize kumutima ico gikogwa kugira ubutumwa bwiza buvugwe mumahanga yose hakoreshejwe uburyo bwose bugezweho.Nukuri Imana Ije imbere ico gikogwa cayo kandi Ikomeze kubaha inkomezi zo kugikurikirana.Natwe turi inyuma yanyu.

Blaise Nsabimana niwe yayinyeretse nca nsanga n'ubwiza bw'Imana gusa
bwigaragaza.Numva nishimye cyaaane simfise uko nobivuga.Bientôt nanje ngiye
gutangura guterera ivyiyumviro namasengesho.
 

Umwami wacu Yesu kristo abahezagire kuvyo mumaze gukora nivyo muzokora.

Mwene so
Ndayiziga Alain-Patrick

 


 

 


 

 


  Mwene Data Majambere D. yanditse ati...

Ibikenewe kugira ngo amahoro aboneke mu bihugu vyacu ni vyinshi ariko nagire mvuge bibiri bikuru bikuru ku bwanje mbona biza imbere. Bavuga ngo nta wutanga ico adafise. Imbere yuko amahoro aboneka hanze mu mibano y'abantu, mu buzima bwa misi yose ategerezwa kuba mu mitima yacu imbere ya vyose. Amahoro yo ku mutima nayo, amwe atishemeza ni Yesu ayatanga we abona ibinyegeje. Imfungurwa z'amahoro y'umutima nazo n'igisabisho kuko kidutuma twamana n'umwami w'amahoro.

Ubwa kabiri n'amahoro yo ku mubiri. Bavuga ngo "hakora mu nda", "mu nda harara inzara hakazinduka inzigo". Harya rero abakera babonye vyinshi ba mwumva babacire umugani. Ayo mahoro kugira tuyaronke nayo dutegerezwa gukura amaboko mu mpuzu tukarya ivyo tubiriye akuya, tukirinda ubunebwe, kubera ubushomeri (le chômage ) budasezerana rimwe na rimwe dusabire abadutwara kugira ngo bafate imigambi y'iterambere ituma bene gihugu baronka akazi.

Imana Ibahezagire

MAJAMBERE D.


 

 

 

 

 
 

 

1