INYIGISHO GUIGOZ

     

ITANGURIRO SERVANTS OF GOD La Parole du Jour Daily Word GUIGOZ CONTACT ALPHONSE MSG ARCHIVES Saba Amasengesho Amafoto

 

 

 

 

       

Chris Ndikumana : acndikumana@yahoo.com


 

Mu gifaransa, fyonda kuri: ENSEIGNEMENTS GUIGOZ

 

 

                       INTANGAMARARA

Bavukanyi, turabaramukije. Izi nyigisho mugiye gukurikirana zavuye muri programa imwe mu yandi y’umugambi wa «ED» kandi Uhoraho yaratweretse ko abantu biwe bafise inyota yo kumenya ijambo ryiwe. Abantu benshi baregurira Yesu Kristo ubuzima ariko ntibashika ku gukura mu vy’ impwemu bigaca bituma wa mubi bimworohera kubigarurira kuko Bibiliya itubwira ko ijambo ry’Imana ari inkota ya Mpwemu, kandi tudafise iyo nkota ntidushobora kwitega uwo mubi.

Bibiliya itubwira mu kete yandikiwe Abaheburayo 5:11-14: «Dufise vyinshi tubivugako, kandi binagoye gusobanura, kuko mwabaye ibitumva. Mwebwe naho mwari mukwiye kuba mwaramaze kuba abigisha, muracakeneye ko babigisha ibintu vyo mu ntango vy’ivyavuzwe n’ Imana, mwabaye abakwiye gutungwa n’amata mu mwanya wo kurya ivyo kurya bigumye. Nuko rero, umuntu wese akinywa amata ntaba aramenya ivyerekeye ijambo ryo kugororoka; kuko aba ari uruhinja. Ariko ivyo kurya bigumye ni ivy’abakuze, bo bafise ubwenge, bakama babukoresha mu gutandukanya ikibi n’iciza.»

Mur’iyo mirongo, biraboneka neza ko bavuga ku bantu bamaze igihe kirekire mw’ishengero ariko bakaba bagikeneye amata mu mwanya w’ ivyo kurya bigumye. Bibiliya iranashika kure cane mu kuvuga ko bari bakwiye kuba abigisha; n’ ukuvuga kwigisha abandi.

Mu kete ca mbere candikiwe Abikorinto 3:1-2, intumwa Paulo avuga ati: « Kubwanje, bene Data, sinashoboye kubabwira nk’ab’impwemu, ariko nababwiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo. Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye, kuko mutari bwabishobore… »

Izi nyigisho twazise «Guigoz» kuko dutanguzanya nyene inyigisho z’uruhinja mu vy’impwemu tugashitsa no ku w’ukuze. Ni ibikopo rero cumi na bibiri vya Guigoz ni ukuvuga duhera kuri Guigozi ya 1 tukageza kuri Guigoz ya 12.

Twashimye ikiyago c’abantu babiri mu kwiyumvira ku muntu agikizwa buno nyene azokwama agaburigwa kugeza akuze. Ategerezwa rero kunywa ivyo bikopo 12 vyose kugira ashobore kuba umuntu akuze ashobora gutandukanya ikibi n’iciza (Heb.5:14)

 

                    GUIGOZ.1

Corinne: Bwakeye Mike, amakuru maki ?

Mike    : Yooo Bwakeye neza Corinne, imisi myinshi !

C        : Ngize Imana kukubona kuko hari haheze imisi ibiri ndiko ndakurondera.

M       : Emwe nanje ndaha !

C        : Ubwa mbere nagomba kukumenyesha ko haheze imisi ibiri natumiwe mu    

  gikorane kandi ubutumwa bwarashitse ku mutima hanyuma mpava negurira

  ubuzima bwanje Yesu Kristo.

M       : Yooo! Imana ishimwe cane! Mbega urazi, wafashe ingingo nziza cane mu

  buzima bwawe.

C        : Ariko rero sintahura neza ico bivuga kuvuka ubwa kabiri.

M       : Ni ivyo nyene wakoze. Ni ukwemera Yesu-Kristo nk’Umwami n’ Umukiza wawe hanyuma ukamutumira kugira ngo aze mu buzima bwawe aguhindure.

C        : Ampindure???

M       : Egome, kuko Bibiliya ivuga mu 2 Ab’ i Korinto 5:17 ko  umuntu iyo ari muri 

Kristo, aba ari icaremwe gishasha, ibintu vya kera biba bishize, vyose   

biba bicitse bishasha.

C        : Ariko jewe ndi umukatolika hamwe n’umuryango wanje wose kandi singomba guhindura idini.

M       : Nta dini na rimwe rikiza umutima w’umuntu atari amaraso ya Yesu yonyene ashobora kwoza ivyaha vyawe, akeza umutima wawe kuko muri Matayo 5:8 havuga ko ari abafise imitima itanduye bazobona Imana kandi nta kindi atari amaraso ya Yesu yuhagira umutima w’umuntu.

C        : Kiretse amaraso ya Yesu, ni ikihe kindi kimazi umuntu yotanga kugira ngo akizwe ?

M       : Bibiliya ivuga mu Abanyefeso 2:8-9 ko twakijijwe kubw’ubuntu bitavuye kubw’ibikorwa; ariko kandi Yesu avuga muri Matayo 16:24 ko uwuzogomba kumukurikira , azokwiheba, akikorera umusaraba wiwe , agaheza akamukurikira.

C        : Mike, bitomore neza gato, sintahura igituma bavuga umusaraba ...  Nari nzi ko ivyo vy’umusaraba vyaheranye na Yesu.

M       : Ni ukuvuga ko ukwiye kwiheba ugakora ibihimbara Umwami wawe. Umusaraba ni ikimenyetso c’urupfu aho ivyipfuzo vy’umubiri vyawe, ivyo ukunda ... bitegerezwa gupfiramwo kuva ubwo ugaca utangura kurondera ubugombe bw’Imana.

C        : Ahaaa! Ivyo rero ukibaza ko bishoboka?

M       : Wewe ubwawe ntavyo woshobora ariko Mpwemu Yera arashobora kubigufashamwo.

C        : Mbega urashobora kunyigisha ingene basoma Bibiliya? Sinzi aho nohera kandi mbona ko ari ibintu bingora.

M       : Yoo Oya Corinne, ntakintu kigoye kirimwo. Ubwa mbere ukwiye kumenya ko umuntu atazotungwa n’umutsima gusa ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana. Nk’uko Yesu abivuga muri Matayo 4:4. Ni utasoma ijambo ry’Imana, impwemu yawe izopfa kandi ntuzopfa umenye ivyagezwe vy’ Imana n’amasezerano yayo igufitiye. Akarorero, igihe jewe nahereza ubugingo bwanje Yesu, natanguye gusoma Isezerano Rishasha kuko nakunda cane ibitangaza Yesu yakora ariko na cane cane amasezerano ajanye n’ivy’ubuzima buhoraho. Hanyuma y’ivyo naciye ntangura igitabo c’Itanguriro, gutyo, gutyo.

C        : Ndafise umukobwa w’umugenzi wanje yambwiye ko igihe cose agomba gusoma Bibiliya, arahumiriza hanyuma akazingurura Bibiliya yiwe acacisha agaca asoma igice canke umurongo ashikizako amaso igihe ahumuye.

M       : Corinne, ukwiye kumenya ko Imana yacu atari Imana yo gucacisha. Ubwa mbere igihe ugenda mu bikorane vy’ abakristo canke mw’ isengero, ukwiye kwandika imirongo hanyuma umaze gushika i muhira ukayisoma mu buryo bwo kuyiyumvirako cane. Ikindi kandi igihe ugomba gusoma Bibiliya, banza ufate akanya gatoya ko gusenga usabe Mpwemu Yera ngo akurongore, cane-cane kugira ngo akumurikire kuko utari kumwe na Mpwemu Yera ntuzogenda ushoboye kubitahura.

C        : Woshobora kumbwira ivyerekeye Mpwemu Yera?

M       : Banza unogangize ico gikopo ca mbere ca Guigoz hanyuma nzokubarira ivyerekeye Mpwemu Yera muri Guigoz 2.

 

                                  GUIGOZ.2

C        : Mu vy’ukuri, Mpwemu Yera ni iki?

M       : Mpwemu Yera ni umwitsa, uwo Yesu yasezeranye muri Yohana 14:26, ko Se azorungika mw’izina ryiwe, kandi uwo ni we ategerezwa kutwigisha vyose, kandi akatwibutsa n’ivyo Yesu yavuze vyose igihe yari akiri ngaha kw’isi.

C        : Ariko Mike, wewe uvuga Mpwemu Yera nk’aho yoba ari umuntu kandi igihe kimwe narumvise insiguro ivuga ko Mpwemu Yera ari ubushobozi n’umuyanga w’igihuhuta …

M       : Abo bavuga ivyo ni abataramenya Mpwemu Yera canke batanamuzi koko kuko Mpwemu Yera ari yo Mana nyene.

C        : Gute????? Ugomba kuvuga ko umuntu ashobora kuvugana na we kandi ko ashobora kutwumva? Aho nibaza ko ushikuje Mike! Kiretse hamwe wobinyereka muri Bibiliya na yo ahandi sinshobora kuvyemera.

M       : Namba wemera ko Bibiliya ari ijambo ry’Imana hinge ndabikwereke.

C        : Nashaka kuvyumva nanje.

M       : Reka dusome mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa hanyuma wewe nyene ubwawe uzokwibonera Mpwemu Yera uwo ari we. Ubwa mbere ngira ndakwereke ko Mpwemu Yera  ashobora kuvuga: Mu Vyakozwe n’Intumwa 13:2, handitswe ngo: «Bariko barasenga Umwami Imana, mu gikorwa cabo kandi bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga ati Nimundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.» Urashobora gusoma kandi no mu Vyakozwe n’Intumwa 5:3-4 uzoheza utahure uko Petero na we abona Mpwemu Yera nk’Imana yo nyene ubwayo kuko yagirije Ananiya ko yahenze Mpwemu Yera ku murongo wa 3 n’uwa 4 avuga ati : «  si abantu mwahenze, ariko mwahenze Imana .» Uzongera kandi usome no mu Vyakozwe n’Intumwa 16 :6 aho Mpwemu Yera yabujije abigishwa kuja kuvuga ubutumwa muri Asiya kubera gusa ko yagomba ko bagenda i Makedoniya.

C        : Ahaaa ! Ugomba rero kumbwira ko Mpwemu Yera afise ivyo yipfuza?

M       : Ni wugurure Bibliya yawe mu Abanyefeso 4:30,  urabona ko Intumwa Paulo abuza kudashavuza Mpwemu Yera kubera gusa ko udakoze uko agomba, aca ashavura.

C        : Mbega Mana yanje! None umuntu yokora iki kugira amuhimbare?

M       : Mu kwemera kuyoborwa na we ...

C        : None ugomba kuvuga ko umukristo vyitwa ko akwirikira ukuyoborwa na Mpwemu Yera?

M       : Oya Corinne! Ntivyitwa ko ari uko, ariko ategerezwa ku mukurikira kuko mu Abaroma 8:14 handitswe ngo abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana. Kandi ukwiye kurondera kwuzuzwa Mpwemu Yera.

C        : None akamaro ko kwuzuzwa Mpwemu Yera ni akahe?

M       : Igihe umuntu yuzujwe Mpwemu Yera, ni ho ashobora gukora igikorwa yahamagariwe afise ububasha n’ubushizi bw’amanga.

C        : None umuntu yokora iki kugira yuzuzwe Mpwemu Yera?

M       : Ukwiye kumara umwanya ukwiye mu masengesho. Ku musi wa Pentekote, bose bari bakoraniye hamwe n’umutima uhuye,basenga badahumeka nk’uko vyanditswe mu Vyakozwe n’Intumwa1:14.

C        : Rero ni ukuvuga ko umuntu mu buzima bwiwe yuzuzwa Mpwemu Yera rimwe gusa?

M       : Oya na mba! Ushobora kubisoma mu Vyakozwe n’Intumwa 4:31, igihe Herode na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango y’Abisirayeli bakoraniye kugwanya ubutumwa bwiza, intumwa zarasenze, ahantu bari bakoraniye haciye hatigita; bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca baravuga ijambo ry’Imana bashize amanga. Reka ndakwibutse ko ari babigishwa nyene bari barujujwe Mpwemu Yera ku musi wa Pentekote. Urabona rero ko umuntu atuzuzwa Mpwemu Yera incuro imwe gusa.

C        : Mbega urazi ga Mike, jewe narahereje ubuzima bwanje Yesu ariko singomba kubatizwa ubugira kabiri kumwe abaporoti babigenza.

M       : Mbega wari ufise imyaka ingahe igihe wabatizwa ubwa mbere?

C        : Ntavyo nzi neza mugabo mama yambariye ko noba nari mfise nk’imyaka ibiri.

M       : Banza rero unoganze Guigoz 2 hanyuma tuzoheza tuvugane ivy’umubatizo muri Guigoz 3

 

GUIGOZ.3

 C        : Bwakeye Mike, Burya tugiheza ca kiyago cacu giheruka, twaciye duhura n’umukristo yanyemeje ko, ari umubatizo nabatijwe nkiri umwana, ari umubatizo wawe, nta n’umwe muri iyo ibiri ari uw’ukuri. Kubwiwe rero, ni ukuvuga ko twe nawe tutarabatizwa nk’uko Bibiliya ibitegeka kandi uvyemere je vyarampagaritse umutima cane rwose; kandi vyaciye bintera kuzazanirwa.

M       : Mbega urashobora kumbarira icaguhagaritse umutima gusumba ibindi?

C        : Ubwa mbere ni kuko ntagomba gusubira kubatizwa ubugira kabiri kandi yanyemeje ko n’umubatizo wawe na wo nyene atari uw’ukuri

M       : Ikintu ca mbere niyumvira ukwiye gukora ni gusesangura Ivyanditswe Vyeranda ukaraba ico Yesu we nyene avuga ku mubatizo, ukaraba igituma ukwiye kubatizwa, ukaraba n’ingene wobatizwa.

C        : Mbega nyene Yesu avuga iki ku mubatizo?

M       : Muri Matayo 28:19, avuga ati: Gende rero, muhindure amahanga yose abigishwa,mubabatiza mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera”.

C        : Namba rero ari ivyo gusa umubatizo wanje ni uw’ukuri kuko nibaza ko uwambatije yabikoze yisunze uwo murongo.

M       : Ariko ukwiye kumenya ko Bibiliya ivuga mu 1 Petero 3:21 ko umubatizo ari isezerano ry’umutima utagira ikibi usezerana ku Mana, akaba ari wo udukiza natwe, kubera izuka rya Yesu Kristo. Rero, kiretse noba nihenze, nibaza ko ku myaka ibiri wari ufise, ntivyashoboka na gatoya ko hari isezerano iryo ari ryo ryose wari ushoboye kugira kandi Bibiliya nta na hamwe ivuga ko uwundi muntu ashobora gusezerana mu kibanza c’iwawe kuko agakiza ni ako ku giti c’umuntu ubwiwe.

C        : Rero si amazi yeza umuntu?

M       : Oya na mba, amazi ntashobora kweza na mba no mugihe ca Yohana ntavyo yashobora, urashobora gusoma muri Matayo 3:7-9 ko igihe Yohana yabona abafarisayo n’abasadukayo baza mu mazi, yababwiye ko nyabuna bakwiye kwama ivyamwa biberanye n’ukwihana bakareka kwibwira mu mitima ko bifitiye sekuruza Aburahamu. Ivyo birerekana ko naho baja mu mazi ata guhindura umutima, ata co vyari bimaze.

C        : None umuntu ntashobora kugira iryo sezerano atabanje kubatizwa ?

M       : Oya Corinne, umubatizo si ikintu wewe ukora wishakiye ni itegeko ry’Umwami Yesu kandi uvyanse uba ugararije. Kandi umubatizo utegerezwa gukorwa kurya nyene Yesu yabitegetse… aha ngomba kuvuga mu mazi menshi kuko namba ugomba gukwirikira Umwami, ukwiye kumukurikira mu nzira yiwe yose.

C        : Ego ivyo ndavyumva, ariko kugeza ubu nturansobanurira ahava ivyo bizazane kudahuza hagati y’umubatizo ugizwe mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera n’uwugizwe mw’izina rya Yesu.

M       : Ibizazane vyavuye ku kugene intumwa zigishije uwundi mubatizo kandi Yohana yari yaramaze kubabatiza, Yesu amaze gusubira mw’ijuru. Abantu ntibatahura igituma bakwiye gusubira kubatizwa ubugira kabiri ni co gituma rimwe na rimwe igihe intumwa zahura n’umurwi mushasha w’abizeye, zababaza ziti: « Mbega ni uyuhe mubatizo mwabatijwe ? » Ni co gituma intumwa zavuga umubatizo wa Yesu kugira abizeye batahure itandukaniro riri hagati y’uwa Yesu n’uwa Yohana.

C        : None rero kubwawe, uwabatirijwe mw’izina rya Data, n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera akabatizwa no mu mazi menshi yarumviye itegeko rya Yesu?

M       : Ni vyo …. kiretse hamwe Bibiliya yawe yoba ivuga ukundi muri muri Matayo 28: 19.

C        : Namba rero biri uko, nkwiye gukurikiza itegeko ry’Umwami Yesu. Imbere y’uko ugenda nari mfise ikibazo ku vyerekeye ubutumwa basiguye ku wa Mungu mw’isengero : Bavuze ko umukristo yavutse ubwa kabiri ari icaremwe gishasha ariko nashaka gutahura ico mu vy’ukuri bivuga «Icaremwe gishasha»

M       : N’ivyo na vyo nzobigusobanurira ariko bizoba muri Guigoz 4

                        GUIGOZ.4

C        : Sintahura igituma Bibiliya ikoresha ijambo «Icaremwe gishasha» kandi witegereje ubona ko umuntu aguma ari ca kiremwa ca kindi nyene.

M       Ubwa mbere igihe bavuga icaremwe gishasha, ni imvugo y’impwemu kandi

Bibiliya ivuga mu 2 Ab’i Korinto 5:17, ko iyo umuntu ari muri Kristo aba ari icaremwe gishasha. ibintu vya kera biba vyahavuye; vyose biba bicitse bishasha.

C        : Ugomba kuvuga rero ko umuntu ategerezwa guhinduka?? Bisobanure neza…

M       : Mu Abaroma 12:2, intumwa Paulo ategeka abakristo ngo ntibishushanye n’ivy’iki gihe, ariko ngo bahinduke rwose mu kugira imitima misha, kugira ngo bashobore kumenya neza ivyo Imana igomba, ari vyo vyiza, bishimwa kandi bitunganye rwose

C        : Mbega isano riri hagati y’uguhinduka n’ukumenya ivyo Imana igomba ni irihe?

M       : Soma witonze uwo murongo, uguhinduka ni ibivuye mu kugira imitima misha kandi aho ni ho hari urupfunguruzo.

C        : None rero ugomba ko tuvuga ukugira imitima misha tukareka uguhinduka ?

M       : Oya Corinne, igihe umutima wawe ubaye musha, ni ngombwa ko n’impwemu yawe ica ihinduka kandi kuva uwo mwanya ushobora no kwumva ijwi rya Mpwemu Yera kugira ushobore gutegera neza ivyiza ivyo ari vyo, n’ibishimwa kandi bitunganye.

C        : Mbega ni iki cobuza ko imitima yacu iba misha?

M       : Kandi n’ubu nyene nsubira kukurungika mu Abaroma 12:2 kugira ngo ubone ingene Paulo yatanguye uyo murongo: Yavuze ati: «Ntimwishushanye n’ivy’iki gihe»

Umukristo yavutse ubwa kabiri ntategerezwa kwivanga n’imigenzo y’iki gihe ari yo si. Akwiye ahubwo kwitwara nk’uko ijambo ry’Imana rivuga kugira ubwenge bwiwe bunaguke, Mpwemu Yera na we ashobore kumuhindura aho ni ho azoshobora kumenya neza ivyiza ivyo ari vyo, bishimwa kandi bitunganye.

C        : Aho uba ugomba kuvuga iki ngo kwishushanya n’ivy’iki gihe kandi umuntu yohinduka gute ?

M       : Uguhinduka ntikugira itegeko kugirako, igihe umuntu amaze gukizwa, aca ava mu kugene ibintu bisanzwe bigirwa agaca yinjira mu rundi rugezo, ibintu vyose birahinduka : imvugo, ivyiyumviro, imigambi, abagenzi, … Si wewe uba uciyobora wewe nyene, Mpwemu Yera ni we aba akuyobora, aha ngomba kuvuga ko utaba ugikora ico wewe ubona ko ari co kikubereye ciza ariko utegerezwa kwisunga ubugombe bw’Imana. Kwisunga ivy’iki gihe ni kwo kwisunga ivy’iyi si… Ni nk’umuntu aba ariko aratamba akwirikiza umudiho w’umuziki.

C        : Aho ushaka kuvuga kujana n’ibigezweko?

M       : Mu buryo bumwe novuga nti Egome. Ni co gituma Yesu yise Satani umwami w’iyi si muri Yohana 14 :30 kandi hariho abakristo bamwe bakurikira ingendo y’umwami w’iyi si ari we Satani ariko bo batabitahura.

C        : None ngira nabi kwambara amajipo magufi magufi ? None coba ari icaha kwambara amakanzu magufiya nk’uko bamwe bahora babivuga ?

M       : Bibiliya nta rugezo rw’amajipo itanga ; igihe yandikwa ntayariho ariko aha ico intumwa igomba kuvuga mu Abaroma 12 :2, ni uko abakristo badakwiye gukwegwa n’isi ahubwo ni abakristo bakwiye gukwega isi. Ariko ikintu nkwiye gushimikirako cane , ni uko umwana w’Imana akwiye kwifata kandi akambara nk’umwana w’Imana agahesha Imana icubahiro kandi ntabe ibuye ritsitaza mwene Se ni na co gituma Paulo yavuze mu Abaroma 14 :13 ati Hoye kugira ushira igitsitaza canke ikigwisha imbere ya mwene Se. Kandi ntiwibagire ko Yesu yavuze ko turi umuco w’isi.

C        : Ni co gituma rero dutegerezwa kwiyubara ico abandi batwiyumvirako ?

M       : Corinne, Bibiliya idutegeka kwiyubara abandi kubw’urukundo rw’ Imana ariko kandi si ukuvuga ko umuntu ategerezwa kuba imbohe y’abandi. Yesu avuga muri Matayo 5:16 « Abe ariko umuco wanyu uboneshereza imbere y’abantu, kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza bahimbaze So wo mw’ijuru »  N’ intumwa Petero na yo nyene ivuga hafi co kimwe n’ivyo nyene mu 1 Petero 2:12 mu kudutegeka ko dukwiye kugira ingeso nziza mu banyamahanga kugira ngo na bo babone ibikorwa vyiza baheze bahimbaze Imana

C:      Mike, hariho aho wamye umbarira ivy’uguhinduka, wavuze ivyo guhindura abagenzi … Urashobora kubimbwira mu buryo burambuye ?

M       : Egome ariko ni muri Guigoz 5

                        GUIGOZ.5

 C        : Mike, Abagenzi banje bose nta n’umwe arakizwa kandi na cane cane ni bo twahora tujana muri bwa bubare bwo mw’ijoro tukarara turatamba ;ariko maze guha ubugingo bwanje Yesu, ntitukijana gutembera ariko tuguma dukundanye ariko sinshobora kubahindura kandi numva ko ntashobora kubaheba.

M       : Icambere co nokubwira, ni uko wewe udashobora kubahindura kuko ico gikorwa ari ica Mpwemu Yera ariko ico wewe ushobora kugira, ni ukubabwira ubutumwa bwiza no kubasengera.

C        : Erega aho Mike ntiwishuye ikibazo canje !Nakubajije ko nkwiye kubaheba canke ko ntakwiye kubaheba.

M       : Ubwa mbere ukwiye kwiga ico Bibiliya ivuga ku bagenzi babi : Mu 1 Ab’i Korinto 15:33, handitswe ko kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. Ukwiye rero gutoranya abagenzi kugira ngo wirinde abagenzi babi bohava batuma wononekara nawe.. Kandi nipfuza ko wokwugurura Bibiliya yawe  ugasoma Zaburi 1:1-2

C        : « Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi, ariko ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kandi ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro. !»

M       :  Nk’uko rero ubibona ikibi ni uguhagararana n’ukwicarana n’abagenzi atari abizera kandi ukagendera munama zabo. Ivyo ntibivuga ko udategerezwa kugira abagenzi atari abizera ; ariko utegerezwa kugaba ko ukora ivyo bakugira inama, ukwiye kugaba ku ngeso zabo, ku bikorwa vyabo, ahubwo abe ari bo babona muri wewe icubahiro c’Imana. Ariko mu gihe ubona ko ubugenzi bwabo bugushira kure y’ijambo ry’Imana canke bukagutuma ukora ibidahimbara Imana, aho rero ukwiye guca uvavanura n’imigenderanire yabo kuko Bibiliya ivuga muri Matayo 5:29 ko n’iyo ijisho ryawe ry’iburyo ryagutsitaza, urinogore, urite kure; wopfuma ubura urugingo rumwe rw’ umubiri wawe, hako umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu.

C        : Ndazi umuhungu umwe w’imyaka 17 aheruka gukizwa vuba ariko arafise ingorane ihambaye ivuye kuri se wiwe kuko aranka cane rwose ubutumwa bwiza.Ntashaka kubona uwo muhungu wiwe afise Bibiliya, ntagomba kumwumva ariko arasenga, kuri we ni nk’uko yoba yabuze umwana, kuko uyo muhungu amubona nk’uko yoba yarapfuye. Ivyo yabimbwiye ejo bundi kandi vyaboneka ko yihebuye kandi sinzi uko nomufasha. None nomubwira gute ?

M       : Uramubwira ko Yesu yavuze muri Matayo 10:34-36 ko ataje kuzana amahoro mw’isi ariko yazanye inkota. Kandi abansi b’umuntu bazoba abo mu nzu yiwe. Ushobora kandi kumuremesha mu kumwereka amajambo yo mu 1 Petero 2:19 amubwira ko ikinezereza Imana ari uko umuntu ahanuwe n’ijwi ryo mu mutima, yokwihanganira imibabaro ahorwa ubusa. Cane–cane umubarire ko yokwihangana, kandi agasengera se ; ikiruta ivyo ntamwanke ariko arengere ikibi agitsindishe iciza.

                        GUIGOZ.6

C        :Mike, ndafise umuhungu umwe dukundana kandi turakundana cane ariko ntagomba kwihana; nashaka kumenya ko nkwiye kumuheba canke ko ntomuheba.

M       : Sinumva ico ushaka kuvuga igihe uvuga ngo kumuheba.

C:      : Eee!Aha nshaka kuvuga ko ari kuvavanura mu buryo dusanzwe dukundanamwo.

M       : Corinne, nari narabikubwiye wa musi, igihe umuntu ari muri Kristo aba ari icaremwe gishasha. Ibintu vya kera biba vyahavuye, vyose biba bicitse bishasha. Rero ko ubu uri icaremwe gishasha, utegerezwa kwirinda imigenderanire yose yo gushira kure y’ijambo ry’ Imana.

C        : Ariko urazi ko ndamukunda cane?

M       : Sindakubwiye ngo ni umwanke ariko umusengere kugira ngo na we ashobore kwakira Yesu naho anana cane kandi umenye ko agakiza ari ako ku giti ca muntu ubwiwe. Kandi n’urubanza na rwo nyene ni uko nyene.

C        : Nashaka ko tuguma turi abagenzi ariko igihe cose ndi kumwe na we, nca nama nagize ikigeragezo co gusubira kurwa muri ca caha.

M       : Bibiliya ntidusaba ngo tunigane n’ ubushakanyi, ariko idusaba ngo tubuhunge. Urashobora gusoma mu 1 Ab’i Korinto 6:18: « Hunga ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora si ic’umubiri ; ariko uwugira ubushakanyi, we aba acumuye ku mubiri wiwe. » Urabona rero ko Paulo ategeka guhunga ni ukuvuga kwirinda ico cose coguhuza n’ ikintu mu gihe gituma wumva ko harimwo akaga.

C        : None ni ko bigenda kuri bose?

M       : Mbega urazi ? Mu mubiri wa Kristo, hariho bamwe bakomeye cane n’abandi b’abanyantege nke cane nk’uko ushobora kubisoma mu Abaroma 15:1, n’abandi bafise ukwizera gukomeye gusumba abandi aho rero wari ukwiye kureka kwigereranya n’abandi. Ariko ingingo nziza ni uko wovavanura n’ico cose cogukwegera mu caha.

C        : Ugomba rero kumbarira ko ntashobora kurongorwa n’umugabo atavutse ubwa kabiri ?

M       : Ego cane ! Bibiliya iravyiyamiriza cane yivuye inyuma; urashobora gusoma mu 2 Ab’i Korinto 6:14, uzobona ko ata sano na ritoya riri hagati y’umuco n’umwijima. kandi Bibiliya iravuga mw’ Itanguriro 2:24 ko umugabo n’umugore baba umubiri umwe aho na ho wa mubi akaba aronse urugi yinjiriramwo kuko mwari mukwiye kumugwaniriza hamwe.

C        : Mu bubakanye naho ari abapagani hanyuma umugore agakizwa umugabo na we akaguma yibereye umupagani ?

M       : Bibiliya irabifise ko insiguro itomoye neza cane : Uzosoma mu 1 Petero 3:1-2 ko umugore w’ umukristo ashobora kwigarurira umugabo wiwe mugihe uyu atumvira ijambo ry’Imana mu kumugamburukira no kumwereka ingeso nziza. Bibiliya ivuga  ko umugabo w’uyo mugore azoreshwa n’ ingeso ziwe zitunganye zifatanije n’ugutinya ;.ariko ikigeretse kuri ivyo ni uko umugore yosengera cane umugabo wiwe.

C        : Mbwira ; mbega biremewe ko umukristo yahukana ?

M       : Oya, uzosoma muri Matayo 19:9 ko Bibiliya itarekurira umugabo kwirukana umugore wiwe ngo aheze yabire uwundi kiretse amuhoye ubusambanyi.

C        : Yooo ! None ko bitoroshe!

M       : Igihe wiyumviriye nk’umuntu, birakomeye nyene; ariko igihe ivyo ubirekeye mu maboko y’Imana uzobonamwo umugisha mwinshi. Reka kandi nongere ndakwibutse ko urupfunguruzo rwa vyose ari amasengesho.

C        : Umbwira kenshi ibijanye n’amasengesho, mbega hoba hari uburyo bunaka bwo gusengamwo canke umuntu arashobora kwiga gusenga?

M       : Egome cane! Ariko uzobisanga muri Guigoz 7

                    GUIGOZ.7

C        : Mike, wambariye ko umuntu ashobora kwiga gusenga ariko hariho abakristo batavuga nk’uko !

M       : Urashobora kuzingurura Bibiliya yawe muri Luka 11:1-4, urabona ko abigishwa basavye Yesu ngo abigishe gusenga nk’uko Yohana yavyigishije abigishwa biwe ; hanyuma Yesu yaraberetse ingene bakwiye gusenga.

C :     Ihiii !Ariko ndazi isengesho rya « Data wa twese » ku mutwe kandi ndarivuga imisi yose mu gitondo.

M       : None bigutwara iminuta ingahe kugira urivuge ?

C        : Nibaza ko ari nk’umunuta umwe gusa.

M       : Corinne, nagira nkubarire ko twaremwe mw’ishusho y’Imana kandi mu gihe dusenga, impwemu yacu ivugana n’impwemu y’Imana. Umutima w’Imana urakeneye amasengesho yacu ; kandi kurya uba ugomba kumarana umwanya munini n’umuntu ukunda, umenye ko ari ko Imana igomba kumarana umwanya munini nawe mu gihe uriko urasenga.

C        : None umuntu yomara iminuta ingahe ariko arasenga kugira ahimbare Imana ?

M       : Ico nzi co ni uko umuntu akwiye kumara umwanya munini imbere yayo ; ariko hamwe usomye muri Matayo 26:40, uzobona ko igihe Yesu yagomba kumara umwanya ariko arasenga ari kumwe n’abigishwa biwe, amaze kubona ko basinziriye,  vyaramutangaje cane aca abwira Petero ati : « Ubwo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe ? »

C        : None ivyo vyoshoboka gute ko womara isaha  uriko urasenga ukivuga iryo sengesho rya Data wa twese ?

M       : Ukwiye kumenya ko, iryo sengesho rya « Data wa twese » ari ikigereranyo Yesu yatanze kugira ngo yereke abigishwa biwe ingene bosenga kandi akarongo kamwe kose gafise insiguro yako. Nk’akarorero urabona ko Yesu yatanguye avuga ati: «  Igihe musenga, muvuge muti : Data wa twese ! Izina ryawe ni rishemezwe »

C        : None ni kuki yatanguye gutyo ?

M       : Kuko Uhoraho avyagira mu mashimwe kandi Bibiliya ivuga muri Zaburi 100:4 ko dukwiye kwinjira mu marembo y’Uhoraho turiko tumushemagiza, tuje mu nyubakwa ziwe tumuhimbaza n’indirimbo. Dukwiye gutanguzanya isengesho no gushemeza Uhoraho kandi twubashe izina ryiwe kandi Bibiliya irerekana ahantu henshi ko mu mashimwe harimwo ubushobozi bwinshi.

C        : None woshobora kumpa akarorero muri Bibiliya aho Imana yerekanye ububasha bwayo kubera amashimwe ?

M       : Ni uzingurure mu Vyakozwe n’Intumwa 16:23-26. Paulo na Sila bari bapfunzwe bazira ijambo ry’Imana bari bababoshe n’iminyororo baca bashiraho n’umuntu wo kubacunga kandi imiryango yose y’ibohero yari yugaye rwose. Nko mu gicugu, Paulo na Sila bariko barasenga baninahaza Imana, kandi n’abandi banyororo barabumva. Bibiliya ivuga ko bukwi na bukwi, isi ica iranyiganyiga bikomeye, ku buryo amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga ; ako kanya , inzugi zose zikuguruka, iminyororo yari iboshe abapfunzwe bose iravudagurika. Ukwiye rero gutahura ko, ubwo bubasha ko bwabonetse kubera kuninahaza Imana kwa Paulo na Sila.

C        : Iyo minyororo yari ibaboshe bisobanura iki ?

M       : Iyo minyororo n’ayo matanguriro y’inzu y’ibohero bimeze nk’ububasha bwa wa mubi ; ariko igihe dutazira Imana, naho vyoba bimeze nabi, ica irekura ububasha bushobora kwugurura inzugi zari zugaye.

C        : Mbega umuntu yokwisonzesha ryari ?

M       : Nk’uko nakubwiye wa musi, umwana w’Imana akwiye kurongorwa na Mpwemu Yera. Hariho bamwe bisonzesha kugira baje ahiherereye bamare umwanya bariko barasenga hakaba n’abandi bisonzesha kuko baba babona ko baba babangamiwe n’ububasha bwa Satani.

C        : Erega nagira ngo iyo umuntu yambaje izina rya Yesu, impwemu mbi zose zica zihunga ?

M       : Ivyo wiyumvira ni vyo ariko impwemu mbi zose ntizikora mu buryo bumwe kandi ntizinana mu buryo bumwe. Ni na co gituma umusi umwe abigishwa batashoboye gusenda impwemu mbi imwe hanyuma Yesu akabasobanurira ko impwemu nk’iyo ikurwamwo n’ugusenga bo n’ukwisonzesha. Uwo murongo uzowusanga muri Matayo 17:21.

C        : None ni kuki amasengesho amwe-amwe atishurwa?

M       : Uzobitahura muri Guigoz 8

  

GUIGOZ.8

 C        : Bwakeye Mike, n’ubu ndacakeneye kumenya igituma amasengesho yanje amwe-amwe atishurwa kandi nasomye muri Matayo 21:22 ko ivyo tuzosaba vyose dufise ukwizera tuzobihabwa. Nakoresheje ukwizera, nasenze mw’izina rya Yesu, ariko sindishurwa. Nagomba menye igituma koko.

M       : Mbega urazi Corinne, hariho amasengesho amwe-ame atishurwa koko kubera abatewe n’ukwipfuza kw’umubiri. Ni co gituma handitswe muri Yakobo 4:3 « murasaba ntimuhabwa, kuko musaba nabi kugira ngo muvyononere mu bibahimbara » Hari aho dusanga turi ahantu tugomba ko Imana itugirira ivyo twipfuza vyose.

C        : Erega ivyo ni vyo nagira ngo ni vyo Yesu yavuze muri Yohana 14:13 ko ico tuzosaba cose mw’izina ryiwe, azokiduha ! Nipfuza rero kumenya igituma koko.

M       : Mbega woshobora kuzingurura Bibiliya yawe ugasoma mu 1 Yohana 5:14-15?

C        : Kandi ubu ni bwo bushizi bw’ubwoba dufise kuri yo ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’uko igomba, iratwumva. Kandi iyo tuzi yuko yumva ico dusavye cose, turamenya yuko dufise ivyo twayisavye.

M       : Ndagusavye wihweze neza iyo mirongo ibiri kuko ari yo rupfunguruzo rwa vyose. Ubwa mbere kugirango Imana itwumve, ni uko isengesho ryacu ryoba rimeze nk’uko Imana igomba ! Kugeza aho ngira turi kumwe?

C        : Neza cane !

M       : Iyo rero tuzi ko Imana itwumva, ntidukwiye kwizigira ko tuzoronka ico kintu dusavye, ariko Bibiliya ivuga ko tuba tumaze kuba tugifise.

C        : None rero namba ndagutahura neza, ni ukuvuga ko Imana iba isanzwe ifise umugambi ku vyerekeye ivyo dukenera ?

M       : Ego cane

C        :None namba ari uko wumva bimaze iki dutegerewa gusenga? Namba iba yamaze gutegura vyose, umuntu yotegerezwa kuyireka ikavyikorera vyose!

M       : Bibiliya ivuga mu Abanyefeso 2:10 ko turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo. Ivyo ni vyo vyitwa: UMUGAMBI W’IMANA. Imana ifise imigabo n’imigambi vy’amahoro n’amahirwe kuri twebwe nk’uko vyanditswe muri Yeremiya 29:11.

C        : None ni,kuki yemera ko ivyo vyipfuzo binyuranye n’imigabo yayo biba mu mitima yacu?

M       : Ni kuko utarashika rwose ku kubambanwa na Kristo. Paulo avuga mu Ab’i Galatiya 2:20, ko yabambanywe na Kristo kandi ko atari we ariho ariko ko ari Kristo ariho muri we.Umwana w’Imana ahubwo yarakwiye kurondera kumenya ibihimbara Imana agahamba ivyipfuzo vyose vy’umubiri

C        : Ewe Mike, jewe simbona ingene nzohava nsengera ikintu ntumva ko mu mutima ndagishaka; nta n’ingoga numva nonagira zo kukirindira.

M       : Ntuzoshobora kumenya icipfuzo gihwana n’ubugombe bw’ Imana mu gihe umutima wawe utaraba musha; kuko niwibuke ko Paulo mu Abaroma 12:2 avuga ko umutima wawe ukwiye kuba musha kugira ngo ushobore kumenya neza ivyo Imana igomba ivyo ari vyo

C        : None umuntu yokora iki kugira abishikeko?

M       : Ukwiye gusenga kugira ngo Mpwemu Yera aguhe umutima musha kandi kugirango ashire mu mutima wawe ivyipfuzo bihwanye n’ubugombe bw’Imana.

C        : Mbega hamwe umuntu asengeye ikintu kidahwanye n’ubugombe bw’Imana mu gihe aba asanzwe atazi ico Imana ishaka, vyoba ari icaha?

M       : Oya na mba! Ariko igihambaye cane ni ukwama witeze kwakira ubugombe bw’Imana kuko ari yo izi neza ivyokubera vyiza kandi bitunganye kugusumvya.

C        : Ariko ga Mike, mbega Imana yoshobora  kwemera ko ikintu gishika kandi kidahuje n’ukugomba kwayo?

M       : Egome! Hari aho bishika cane-cane mu gihe umuntu agomba yuko ico asaba ategerezwa kukironka. Ariko igihe bigenze uko, uzokwame witeze ingaruka zavyo.

C        : Woshobora kumpa akarorero muri Bibiliya?

M       : Mu migabo y’Imana, ntiyari yarategekanije ko Abisirayeli boronka umwami; ariko kubera ko ihanga ryayo ryayigobereye, Imana yaruhiye kubaha umwami ariko ibagabishije ku ngaruka zavyo. Urashobora kubisoma mu 1 Samweli 8.

C        : Mbega ku vy’umwanya wo kwishurwa kw’isengesho wo bimeze gute?

M       : Uzoronka inyishu muri Guigoz 9

 

GUIGOZ.9

 C        : Bwakeye Mike, jewe ndafise mukurwanje, afise imyaka 32, yarahejeje amashuli kandi ubu arakora. Afise isezerano Imana yamuhaye haraheze imyaka ine, ko azogenda muri Amerika kandi ko ari yo azohurira n’umugabo azomurongora. Imyaka irahera ata rugi ruruguruka, aramaze gucika intege kandi no muvy’ impwemu agenda adendebukirwa. None wewe uvyiyumvirako iki?

M       : Ikiboneka ni uko we adatahura ivyerekeye IGIHE C’IMANA. Imana ntaho yigera icererwa kandi ntaho yigera itangura hataragera. Mu Umusiguzi 3:11 handitswe ko Uhoraho akora ikintu cose ciza mu gihe caco. Ingorane dukunda kugira ni uko hari aho usanga dushaka guhutagiza Imana turavye twebwe umwanya wacu kandi nayo yifitiye umwanya wayo.

C        : None arashobora guhusha uwo mugisha wiwe kandi biri mu mugambi w’Imana?

M       : Arashobora guhusha neza cane uwo mugisha wiwe kandi ivyo vyama vyabaye mu gihe umuntu afise isezerano hanyuma akagomba kurihutagiza ngo rishike.

C        : None yorihutagiza gute ngo rishike?

M       : Mu gihe yogira uko ashoboye kose kugira ashike muri Amerika naho yoba akwiye kurondera impapuro zitari mu mategeko kugira aronke ubwo burenganzira ...

C        : None Imana yovyemera ko agenda mur’ubwo buryo?

M       : Igihe akomeje kwihambira, birashoboka ko yogenda; ariko wibuke ko bizoba bibaye imbere y’igihe c’Imana kandi ubwo buryo buba bubaye nk’ubusuma kandi aho agategerezwa kuzitega inkurikizi nka kumwe vyamera kuri ba bantu b’Abisirayeli mu gihe bihambirira kuronka umwami. Azoshobora gushikayo bitagira umuhezagiro w’Imana. Kandi ndabisubiyemwo, Imana ntikora ikintu mu gihe twebwe tuba twiyumvira ko ariho bikwiriye ariko ikora ikintu cose ciza mu gihe caco. Kandi unyumve igihe c’Imana gishitse, Imana ni yo ica ibikora yo nyene ubwayo. Irarungika abamarayika bayo kandi imiryango izokwiyugurura ata ngorane ihabaye. ... ingorane nkuru ihagaze mu kurindira wihanganye kandi uriko urabisengera. Ariko igihe c’Imana kigeze, ni nka kurya ufyonda kuri buto, itara rigaca ryiyatsa ryo nyene.

C        : Imbere y’uko ugenda banza umbwire ico wiyumvira ku bavuga ko Satani ashobora kubuza imigisha y’Imana.

M       : Jewe novuga gusa ko ari ukubera batazi Ububasha bw’Imana kandi na cane cane kuko batazi na gatoyi ibirwanishwa dukoresha; kuko Bibiliya ivuga mu 2 Ab’i Korinto 10:4 ko ibirwanishwa vy’intambara yacu atari ivyo mu buryo bw’umubiri; ariko kubw’ Imana bifise ububasha bwo gushingura akarimbi kandi igihe turwanije wa Murwanizi azoduhunga nk’uko tubisoma muri Yakobo 4:7. Imana iguhezagire tuzosubira guhura muri Guigoz 10.

 GUIGOZ.10

 

C        : Mike, reka dusubire kuri ca kibazo ca mukurwanje; naratahuye neza ko Imana ikora ikintu ciza mu gihe caco ariko namba yoshobora kumpezagirira muri Amerika, ishobora no kumpera iyo migisha nyene mu Buraya canke no mu Burundi kuko isi ari iyayo simbona rero igituma umuntu yotegerezwa kuyigerera ahantu kanaka honyene.

M       : Nk’uko wamaze kubitahura ko ikora ikintu ciza mu gihe caco, ukwiye rero no gutahura ko igikorera n’ahantu hayo.Dukwiye kwemera kuja aho Imana igomba ko tuja kugira dushobore gukora ibikorwa vyayo ivyo yari yaraheraheje uhereye ku kuremwa kw’isi nk’uko tubibona mu Abaheburayo 4:3

C        : Gerageza ubinyereke ukoresheje Bibiliya kuko ivyo ni ingira kamaro cane kuri jewe.

M       : O.K, zingurura Bibiliya yawe mu 1 Abami 17:1-16. Ubwa mbere Imana yategetse Eliya kugira ave aho yari ari hanyuma agende yerekeje i Burasirazuba iruhande y’akagezi Keriti gatumberanye na Yorodani. Ico gihe hari haratse uruzuba rwinshi ariko Imana yaremeje Eliya ko azonywa ku mazi y’uwo mugezi, kandi ko yategetse ibikona kumugaburirirayo. Gushitsa ubu turi kumwe?

C        : Ego aho ndabona ko Imana yatomoye neza ku vyerekeye ahantu ariko sintahura ico ivyo bikona bisigura.

M       : Ivyo bikona bigereranywa n’abamarayika Imana itegeka kugira ngo badushikirize imigisha.

C        : Ni kuki ushimikira kuri iryo rivuga «gutegeka»?

M       : Ni kubera ko ngomba kutahura ko abamarayika batakuzako kubera aba ari bo baguhisemwo, ariko ni kubera baba bategetswe. Igihe mvuga abamarayika mba ngomba kuvuga ico cose Imana ishobora gukoresha kugira igushitseko imigisha yayo kandi gishobora kuba ari abamarayika b’Imana, nk’uko bashobora kuba ari abantu buntu nk’umugenzi wawe, umwe wo mu muryango wawe, canke mbere hari naho ashobora kuba umuntu utanazi.

C        : Biratangaje cane kubona ingene ibikona vyama bizanira Eliya inyama n’umutsima uko bukeye,kandi akama anywa amazi kur’uwo mugezi ; ariko ni kuki none ku murongo w’ 7 bavuga ko hageze igihe uwo mugezi ugakama ? Ni nk’uko Imana yoba yari yahagaritse ya migisha kandi Eliya yari ari aho Imana igomba ko aba ?

M       : Uwo mugezi warakamye kubera ko igihe co kuba i Keriti cari giheze kandi Imana yagomba ko ahindura akaja ahandi.

C        : Ni ukuvuga rero ko ahantu h’Imana birafitaniye isano n’igihe c’Imana ?

M       Ni vyo nyene, ukwiye kuba uri aho Imana igomba kuba uri kandi mu gihe Imana ibigombera. None iyo Eliya atumvira ijambo ry’Imana akagomba kwigumira i Keriti, unaretse yuko atari kuronka amazi kuko uwo mugezi wari wumye, yari kwicwa n’inzara kuko nta bikona vyari kubandanya bimuzanira ivyo kurya kandi ivyo ni vyo vyama vyadushikiye.

C        : Kugira rero abandanye abaho yari akwiye kuva i Keriti ?

M       : Oya, uburyo bwiza nti kwari ukuva i Keriti; ahubwo kwari ukuja aho Imana yagomba ko agenda.

C        : Hari i Zarefati ?

M       : Ni ho h’aho kandi soma umurongo w’9,  Uhoraho avuga ko yategetse umugore w’umupfakazi waho ko ari we azokwama amugaburira; kandi hamwe wosoma umurongo w’10, urabona ko uyo mupfakazi atari azi Eliya ariko Imana yari yamaze kumugera. Aho uratahura ico ngomba kuvuga?

C        : Oyaye si neza ...

M       : Ngomba ko utahura ko uwo mugore yagaburiye Eliya atari amuzi ariko yari yategetswe n’Uhoraho kugira ngo agaburire umukozi wiwe. Mu kubimugera, Imana yari yashize mu mutima wiwe icagezwe c’ uko ukwiye kumugaburira naho yari asanzwe atazi ko ariko abikoreshwa n’icagezwe c’Imana. We yibaza ko ariko aratabara Eliya nk’uko abandi bantu bose bashobora kwibaza ko bariko baragufasha mu buzima bwawe kubera ukugomba kwabo kandi baba babigezwe n’Uhoraho. Ukwiye kumenya ko iyo umuntu ategetswe n’ Imana ngo akugirire ikintu kinaka, ko ategerezwa kubikora atakugimira abigomba canke atabigomba, kandi Imana ishobora kumuha imigisha kugira ngo arangure ico cagezwe cayo.

           Imana ntiyigeze yemera ko ifu ribura canke amavuta ngo agabanuke kandi ubona ko ku murongo wa 12 uwo mugore yari yabariye Eliya ko yari afise agafu ko ku rushi mu gaseke n’utuvuta dukeya twa bo n’umuhungu wiwe hanyuma bagaca bapfa ; ariko naho vyari biri uko ntiyashobora kwankira Eliya kandi bidatumwe n’ikindi atari uko yari yabitegetswe kandi ivyo nta handi vyategerezwa kubera atari i Zarefati. Aho rero ni igikorwa cawe co gusenga kugira ngo umenye aho Zarefati yawe hari, aha ngomba kuvuga ko ukwiye kumenya kuba aho Imana igomba ko uba kandi n’igihe Imana ibigombera.

 

GUIGOZ.11

 C        : Mike, jewe ndazazaniwe kuko hariho umuntu yambariye ko ni ntakorera Umwami, ikwizera kwanje ngo ntaco kumaze kandi nari nzi ko umuntu akizwa ku buntu no mu kwizera Yesu.!

M       : Erega ico ciyumviro ca we ni ic’ukuri, twakijijwe ku buntu no kubwo kwizera Yesu ariko Bibiliya iravuga muri Yakobo 2:26 ko nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ari ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.

C        : Namba ndabitahuye neza, uko kwizera ntaco kuba kumaze kandi ntabuzima kuba gufise ?

M       : Ko Bibiliya yakoresheje iryo jambo « gupfa », nta kindi, inyishu ni Ego. Kandi ukwizera gupfuye kubora ku musi ku musi nka kurya kw’umubiri wapfuye. Mu ncamake vyose vyosigurwa n’umugani w’ « umusukoni w’ingumba » uri muri Luka 13:6-9. Ni usome witonze ico gice hanyuma umbarire ico uvyiyumvirako.

C        : Nibaza ko uyo muntu yateye ico giti c’umusukoni mu ruzabibu rwiwe agereranywa n’ Imana, uwo musukoni na wo ugereranywa n’umukristo kuko ari we ategerezwa kwama ivyamwa, umukozi wo mu ruzabibu na we agereranywa na Yesu kuko ari we adutakambira, ariko ico ntatahura ni insiguro y’ibitabizo.

M       : Ibitabizo bigereranywa n’ijambo ry’Imana. Nk’uko ubibona ku murongo w’7, shebuja yari ashavuye aca ategeka ko batema uwo musukoni kandi yaranabajije ati : « ugasarira iki aha hantu uhonona? »

C        : None bisobanura iki « kugasarira ahantu ubusa » ? None ni kuki ukwiye  gutemwa ?

M       : Igiti kigasarira ahantu ubusa kiba ari igiti kironka ibitabizo vy’ aho mw’ivu gicishije ku mizi, ugasanga amababi yaco ararembaganye, ukibona gifise ubuzima. Nyene uruzabibu yakoze vyose kugira ico giti kimererwe neza, ariko kimaze igihe kirekire kitama kiba gikwiye gucibwa kugira kibisire ibindi biti bishobora kwama ivyamwa.

C        : None namba ari uko, ni kuki Imana irekeraho abakristo batama ivyamwa kandi ata co baba bayimariye ?

M       : Ni kuko umukozi w’uruzabibu ari we Yesu yabatabarije nk’uko ushobora kubisoma ku murongo w’8, ariko kibandanije kugumbaha gushitsa igihe c’imbabazi kirangiye, kizocibwa nk’uko ushobora kubisoma ku murongo w’9.

C        : Hamwe na ho umuntu abivuze atomoye ata gucisha mu migani, ni akahe kaga ko kuba umukristo ata bikorwa ukora mu gihe uba ukiriho ?

M       : Ni umuvumo. Umuntu abaho ariko umuvumo, ni na co gituma Yesu yavumye wa musukoni wari utotahaje ibibabi gusa ariko utagirako ivyamwa muri Matayo 21:18-19 kuko yari ashonje …Corinne, ukwiye kumenya ko Imana igomba ivyamwa vyacu kandi ifise uburenganzira bwo kubidusaba. Ndasubiyemwo kandi, ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye

            

                    GUIGOZ.12

C        : Bwakeye Mike, ndindiranye igishika cinshi ko unsobanurira ingene ukuduzwa kw’ ishengero mw’ijuru kuzogenda.

M       : Ubwa mbere ukwiye kumenya ko Umwami ategerezwa kuzogaruka gutwara ishengero kandi yaratanze n’ibimenyetso vyerekana igihe co kugaruka kwiwe mw’isi. Ikindi kintu gihambaye, ni uko Umwami azoza kurya kw’igisuma nk’uko we nyene avyivugira muri Matayo 24:42-44, ni co gituma ukwiye kwama ugavye kuko ashobora kuza igihe ico ari co cose kandi hafi ibimenyetso vyose biramaze kuboneka.

C        : Umusi umwe narabonye umuvugabutumwa umwe yari afise ubushobozi bwinsi cane, yarakiza abarwaye benshi mw’izina rya Yesu kandi agakora n’ibitangaza vyinshi ariko nibaza ko ubutumwa bwiwe ku bijanye n’ukuduzwa kw’ishengero mw’ijuru, kubijanye n’umubatizo n’izindi ngingo, zitandukanye n’ivyo wanyigishije ! Ariko ndakubwiza ukuri uyo muntu yavuye ku Mana ; atari uko na ho, none yoshoboye gute gukora ibitangaza nk’ivyo atari kumwe n’Imana kandi yaza mw’izina rya Yesu

M       : N’ubundi ico ni ikimenyetso kimwe mu vyo Yesu yavuze. Yavuze muri Matayo 24:24, ko hazokwaduka abangushi biyita Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana ; bazokora ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye, ku buryo bazozimiza binashobotse n’abatoranijwe. Ubu rero uratahuye ko udakwiye gusamazwa n’ivyo bitangaza vyo gukiza abagwaye canke ibimenyetso kubera ko ari kimwe mu bimenyetso vyerekana ko Yesu ari ku rugi.

C        : Rero mbona ko harimwo akaga gakomeye cane ! None umuntu yomenya gute ko umuntu kanaka ari umukozi w’Imana canke ko atari we ?

M       : Uzobimenya mu gukurikira inyigisho ziwe usesangura ivyanditswe vyeranda kandi ivyo ukabikora ufashijwe na Mpwemu Yera.

C        : Ubu na ho reka tuvuge ivyerekeye iduzwa ry’ishengero mw’ijuru ; mbega bizogenda gute ?

M       : Bibiliya ivuga mu 1 Ab’i Tesalonike 4:15-18 ko Umwami wacu ubwiwe, azoza amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, n’akamo k’umumarayika, n’inzamba y’Imana maze abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka. Hanyuma abazoba bakiriho , basigaye,bazoca bateruranwa na bo mu bicu, basanganirire Umwami mu kirere, ni ho tuzokwama tubana n’Umwami

C        : Mbega ni kuki, uvuga ku bazozuka ubwa mbere ? Hazobaho amazuka angahe ?

M       : Hazoba amazuka abiri. Bibiliya ivuga mu Ivyahishuriwe Yohana 20 :5-6 ko abari mu mugabane wo kuzuka kwa mbere bahiriwe kuko ari bo bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza iyo myaka igihumbi. Ariko abari mu mugabane wa kabiri wo kuzuka, bazozuka inyuma y’iyo myaka igihumbi kugira ngo bacirwe imanza nk’uko mu Ivyahisuriwe Yohana 20:12 habivuga.

C        : Mbega inganji y’imyaka igihumbi izoba mw’ijuru canke aha kw’isi ?None Yesu azoganza gute Satani ataracirwa urubanza ?

M       : Yesu afatanije nabatoranijwe bazoganza kumara iyo myaka igihumbi bari kw’isi kandi kumara ico gihe cose Satani azoba aboshwe.nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 20 :2

C        : Reka dusubire tuvuge gatoya ku bijanye n’iduzwa ry’ishengero mw’ijuru ; mbega kw’isi bizomera gute mu gihe Yesu azoba ajanye ishengero ryiwe mu kirere ? Kandi ivyo bizomara umwanya ungana iki ?

M       : Bibiliya itubarira ko ari kumara imyaka 7. Ca gikoko ni ukuvuga umwe antikristo azoba afise ubushobozi bwo gukora kumara amezi mirogwine n’abiri nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 13:5-7 ni ukuvuga imyaka itatu n’igice. Bibiliya ivuga ko abanyamahanga bahawe gusiribanga igisagara cera kandi Imana izoha abayishingira intahe babiri ububasha bwo kuvugishwa na yo kumara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu canke amezi mirogwine n’abiri (imyaka itatu n’igice) nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 11:2-3.

         Vyose hamwe ni ukuvuga ko bingana imyaka indwi, Inyuma yaho Umwami azoca azanana n’abatoranijwe kuganzanya nabo kumara imyaka igihumbi hanyuma inyuma yaho ni ho hazoca haba urubanza rw’imperuka.

C        : Mbega urubanza rw’imperuka ruzomera gute ?

M       : Umuntu wese azocirwa urubanza hakwirikijwe ibikorwa yakoze hano kw’isi ariko hazoba hariho igitabo c’ubugingo kandi umuntu wese atabonetse muri ico gitabo aca atererwa mu kiyaga caka umuriro (nk’uko vyanditswe mu Ivyahishuriwe Yohana 20:15). Rero ikintu cose dukora hano kw’isi kirandikwa mw’ijuru.

C        : Hanyuma abavuga ko bazohora kur’iyi si ibihe bidashira na bo ?

M       : Ivyo niyumvira yuko babivugishwa n’ubutamenya kuko Bibiliya iravuga ijuru rishasha n’isi nshasha; Urashobora gusoma mu Ivyahishuriwe Yohana 21:1, harya handitswe ngo: «kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye kandi ikiyaga nticari kikiriho»

           Kandi mu 2 Petero 3:10-12, bavuga batomoye ko amajuru azovaho hakaba ukwasana guhambaye, kandi isi n’ibikorwa biri muri yo bigashongeshwa n’umuriro. Umuvugishwa n’Imana yaravugishijwe na yo muri Yesaya 65:17 ko igira ireme ijuru rishasha n’isi nshasha kandi ivya mbere bitazosubira kwibukwa.

C        : Urakoze cane Mike kuri izo nyigisho zose wampaye. Mpa umurongo wa nyuma!

M       : Yakobo 1:22. Handitsweho uku: «Mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha»

C        : Turabonanye, Imana iguhezagire

M       : Nawe iguhezagire ariko na cane cane uzosangire n’abandi ivyo uhejeje kwiga kandi ukomeze mu gusenga kuko iyo ari yo soko ya vyose.

 

GUIGOZ 13

 C            :Bwakeye Mike, hareheze indwi nyinshi ndakurondera kuko nahezagiwe n’inyigisho wampaye muri Guigoz ya 1 gushika iya12 kandi nararonse umwanya ukwiye wo gusoma Bibiliya ntekanye hamwe no gushira mu ngiro ivyo wanyigishije vyose ariko hamwe n’ivyo, nasanze nkifise ikibazo kandi vy’ukuri nkeneye kumarana umwanya nawe kugirango ntahure neza niwaba ubinyemereye.

M            :Corinne urazi yuko nama niteguye ariko cane cane iyo hageze gukorera Umwami kandi ndanezerewe kwumva intambuko umaze kugerako. Rero ndaguteze yompi.

C         :Ndazi kw’Imana ivugana n’abana bayo kenshi ariko ikabazo canje ni ukumenya ingene no tahura ijwi ry’Imana kuko niyumvira yuko wemeranya nanje ko twakira amajwi menshi atandukanye bigatuma bigorana gutahura iriva ku Mana.

M        : Ego cane,uri mu kuri kuko abakozi b’Imana benshi bagira ingorane zo gutahura ijwi ry’Imana kandi ndakubwiye ukuri k’umurwanizi aharonkeraho akaryo kenshi na kenshi kudushira kure y’ubugombe bw’Imana.

C         : Ushaka kuvuga k’umurwanizi ashobora kubwira ikintu umwana w’Imana canke kumuhumekera.

M         : Umurwanizi ntashobora gusoma mu vyiyumviro vyawe ariko ivyo ashoboye gukora gusa, ni gucanira ivyiyumviro vyawe. Ica mbere na mbere ni ngombwa k’umenya yukw’igihe wumvise ijwi mu buryo bumwe canke ubundi...

C         : Sindaguciriyemwo arikw’igihe uvuga ijwi, uba uriko uvuga kw’ijwi umuntu yumvira mu gutwi kwiwe?

M        : Ijwi rishobora kwumvikana mu gutwi canke ukumva icipfuzo co gukora ikintu runaka, nkah’umenga n’umuntu ukubwira ngo: ehe kura iki canke kirya.

C         : Mbega Imana ikora mu buhe buryo?

M         : Bibiliya iravuga mu gitabo ca Yobu 33:14 yukw’Imana, har’ah’ivuga mu buryo bumwe, har’ah’ivuga mu bundi, n’ah’umuntu atobibabara. Igihe ufashe umwanya ukwiye wokuguma mu kubaho kw’Imana, uzoshobora kumenya neza ijwi ryayo kuko inzira nziza yokubishikira ni ukuguma hafi y’Imana.

C         : Ivyo bisobanura iki?

M         : Kumara umwanya ukwiye mu masengesho no guhwekera kw’ijambo ryayo.

C         : Nankana ngw’Imana ivugira mu nzozi igihe dusinziriye?

M         : Kubera k’utarugara Bibiliya yawe, urashobora gusoma umurongo ukurikira, ni Yobu 33:15 handitswe ngo: " Mu nzozi, mw’iravuta ryo mw’ijoro,igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, bisinziriye ku mariri yabo, niho izibura amatwi y’abantu, ikabateza ubwoba ivyo ibabwira...“

C         : Mbega ku bwawe, kubera iki Imana ivugana natwe kenshi mw’ijoro igihe itiro ryinshi ridutwaye?

M        : Niyumvira kw’igihe dukanura, tuzibira Mpwemu Yera kubera gukoresha ubwenge bwacu cane.

C         : Ahaaa!!! Bisigura kw’Imana ivugana natwe biciye kuri Mpwemu Yera?

M         : Ego cane! Bibiliya ivuga mu Baroma 8:16 ko Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n’impwemu yacu.bisobanura kw’avugana n’impwemu yacu. Kubera kw’Imana ari Mpwemu imvugo yayo nayo n’iya Mpwemu kandi ntivugana natwe biciye kuri Mpwemu Yera gusa, ni we nyene adufasha gutahura imvugo yayo.

C         : Nkaba nakwumvise neza, Imana ivugana natwe mu buryo bwa Mpwemu gusa?

M         : Oya! Wantahuye nabi.... imvugo y’Imana isobanurwa muri Mpwemu ariko nkuko twabibonye muri Yobu 33:14, har’ah’ivuga mu buryo bumwe, har’ah’ivuga mu bundi, nah’umuntu atobibabara.

C         : Rero muri make, amajwi aducanira muri buri ngingo dufata akomoka hehe?

M         : Ahantu hatatu : Mpwemu Yera, umurwanizi, hamwe na kameremere kacu

C         : Kameremere?

M         : Ego cane. Bibiliya idutegeka mu B’Igalatiya 5:16 ko tugendeshwa na Mpwemu niho tutazoshitsa ivy’akameremere kacu kipfuza.kandi haba inzozi, haba ingingo dufata mu migambi yacu, haba ibihe tugenderamwo canke ubutumwa twumva mw’ishengero, umuco tuwusanga mu Baroma 8:14 aho Bibiliya ivuga kw’abarongorwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana. Reka tugume hafi ya Mpwemu Yera kugirango twirinde ukuzazanirwa kwose.

C            :Urakoze kubw’iyo nsobanuro, ariko ndafise ikindi kibazo cerekeye “kuvuga mu ndimi nsha”  

                                        GUIGOZ 14

C  :       Bwakeye Mike! Uribuka igihe giheze aho twatandukana nakubwiye ko mfise ikibazo kuvyo kuvuga mu ndimi nsha. Har’igihe nibaza ko nakiriye Mpwemu Yera canke ko ntaramwakira kuko na bugingo n’ubu sindigera mvuga mu ndimi nsha kandi mu masezerano nasomye muri Mariko 16:17 harimwo kuvuga mu ndimi nsha. Ivyo jewe biranzazaniye

M   :     Bibiliya iravuga neza ku vyo kuvuga mu ndimi nsha kandi koko, ni kimwe mu masezerano Yesu yavuze. Ariko ngomba k’utahura yuk’utazoronka amasezerano yose Yesu yasezeranye nkuk’udashobora kugira ingabire zose za Mpwemu, ahandi ho nakubajije ikibazo Pawulo yabajije Ab’I korinto ngo: “Kandi iyo zose ziba urugingo rumwe, umubiri wobaye hehe?” 1Ab’I korinto12:19. Intumwa Pawulo arabandanya mur’ico gice nyene ku murongo wa 30 ah’abaza ikindi kibazo ati: “Bose bafise ingabire zo gukiza indwara? Bose bavuga izindi ndimi? Bose basobanura indimi?” 1Ab’Ikorinto 12:30. Dufatiye kur’ivy’uratahura ko Pawulo avuga yuko bose badashobora kugira vyose ariko ko tugize umubiri wa Kristo, umwe wese yunganira uwundi

C         : Ugomba kuvuga ko hariho itegeko kuvyerekeye kuvuga mu ndimi nsha kandi ko bishobora kwubaka umubiri wa Kristo?

M         : Ego cane!Uzosanga inyishu y’ikibazo cawe muri 1Ab’I korinto14

C         : Rero ushigikiye abavuga ko bidakwiriye kuvuga mu ndimi nsha mu makoraniro kuko bavuga ko bizana imivurungano ku bandi?

M         : Sindabashigikiye ariko nizera ico Bibiliya imbwira muri 1 Ab’I korinto14:23: “Nukw’ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’abatungu cank’abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?

C         : Twasaze???

M        : Pawulo yashaka ubugira kandi gushimangira ku kumenya ko mu mubiri wa Kristo dutegerezwa gukora ivyubaka abandi hakwishigikira mu nyungu zacu gusa

C         : None.... inyishu nziza ni gute kugirango bikunde ko abandi bubakwa no kuvuga mu ndimi zitamenyekana?

M         : Inyishu iri muri 1Ab’I korinto14:13 : “ Nuk’uvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugirangw’ahabwe kubisobanura.” hamwe n’umurongo wa 16 havuga ngo: “Iy’ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’uri ku ruhande rw’abatungu ashobora kuvuga ati Amen, ni waheza gushima kandi atamenye ic’uvuze?”

C         : Ninaba natahuye neza, har’igihe Imana ishobora kuvugana n’ihanga ryayo icishije mu ngabire yo kuvuga indimi zitamenyekana?”

M        : Egome ariko hategerezwa kubaho umuntu afise ingabire yo gusobanura indimi canke igihe uwuvuga mu ndimi nyene ashoboye gusobanura ivyo ariko aravuga

C         : Bitameze uko, uwo muntu ategerezwa guceceka?

M        : Ego cane!Ariko ni igihe ari kumwe n’abandi gusa mugabo ashobora gusenga mu ndimi ari wenyene I muhira hamwe n’Imana yiwe

C         : Ariko kenshi umengo abakristo benshi birabananira kwigumya igihe hageze ko bavuga mu ndimi bikamera nk’umuriro udashobora kuzima?

M         : Bibiliya iravuga mur’ico gice nyene yuko “impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo.” 1Ab’I korinto14:32. Impwemu ihumanye gusa niyo idashobora gutekana kandi niyo iturubika ibayifise

C         : Ariko Mike, umusi wa Pentekote, igihe Mpwemu Yera yaza ku ntumwa, baravuze mu ndimi bose kandi abantu bari ngaho barabumvise?

M         : Bibiliya ivuga mu Vyakozwe n’intumwa 2:8 yukw’abari ngaho batahura ico intumwa zavuga kandi babumva umwe wese mu rurimi rwiwe rw’amavukiro kandi bari abagalilaya. Imana yashatse ko bumva ico intumwa zavuga kugirango icubahiro kiyigarukeko

C         : Imana iguhezagire ku nsobanuro umpaye ku vyerekeye kuvuga mu ndimi nsha, ariko har’aho bishika nkadendebukirwa mu masengesho yanje kubera ibihe ndimwo kandi mvugishije ukuri, birashika aho ntashobora gusenga na gato nico gituma nashaka kumfasha nkava aho hantu

M         : Egome, tuzobivugana muri Guigoz ya 15

                                    GUIGOZ 15

C         : Bwakeye Mike,

M         : Bwakeye Corinne,

C         : Nkuko nabikubwiye igihe gihise, birashika nkadendebukirwa mu mpwemu kugera n’aho ntashobora gusenga ariko rero natahuye yukw’ivyo bitumwa n’ibihe bibi mba ndimwo, ngomba kuvuga ibigeragezo usanga ntashobora kwihanganira

M         : Imbere ya vyose nagomba ndakubwire yukw’ijambo ry’Imana rivuga muri 1Ab’I korinto10:13 yukw’ata catugerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira. Arikw’Imana ni yo kwizigira ntizodukundira ko tugeragezwa n’ibiruta ivyo dushobora...

C         : Ariko n’ivyo bikunda gushika kenshi! Mbega har’insobanuro kur’ivyo?

M        : Insobanuro nshobora kuguha yerekeye inyifato y’imitima yacu. Ibuka yukw’igihe dusenga, umutima wacu ufatana n’Impwemu y’Imana kandi iy’umutima wacu umerewe nabi uko gufatana guca kugora mbere kenshi ntikube kugishoboka

C         : Ni kuki ushimikira ku nyifato y’umutima wacu? Mbega har’uburyo bwo kuwurinda kugirango tuzigame uko gufatana n’Imana? Nyereka igice ca Bibiliya cerekana ingene umutima wacu ari kirumara mu bugingo bwacu bwa Mpwemu?

M         : Ugurura Bibiliya yawe maze usome mu Migani 4:23, handitswe ngo: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw’arih’ubugingo bududubiriza.”

C         : Ubugingo bududubiriza? Mbega bisigura k’umutima ushoboye gutanga ubugingo?

M        : Ntutanga ubugingo gusa, ariko urafise n’ububasha bwo kugwiza imbuto yose wemereye kwinjira muri wo. Ni co gituma ijambo ry’Imana ritubwira kuwurinda kurusha ibindi vyose

C         : Mike, sintahura ico ugomba kuvuga ku ‘bubasha bwo kugwiza imbuto yose igiye muri wo?’

M        : Aho ngomba kuvuga ibigumbagumba wemereye ngo bikuganze. Bisigura ko wemeye kujanwa n’ishavu, urwanko, kurengerwa, guhagarika umutima... ivyo bintu vyose binyengetera mu mutima nk’imbuto kandi nkuko imbuto yose ikura mu busizi, ikagwira, ni ko bimera no mu mitima yacu. Igihe cose urubuto rw’ishavu, urwanko canke guhagarika umutima runyengetereye mu mutima wacu, nta kindi umutima wacu ugira atari kugwiza urwo rubuto rumwe rumwe nkuk’ubwoko bwazo buri. Wibuke ko muri ho ari ho hadudubiriza ubugingo

C         : Rero muri make, dukwiye gusenga kugirango turonke inkomezi zo kuganza ibihe bitandukanye?

M         : Oya Corinne! Ntibikabe. Igikorwa co kuganza ibihe cabikiwe Imana, kandi Imana yo  nyene gusa nkuko biri muri Daniyeli2:21, ariko Bibiliya idutegeka kuganza umubiri wacu canke kameremere kacu, ni kimwe mu vyamwa vya Mpwemu Yera, ukwirinda canke kugira urugero. Uzosoma ivyo vyamwa m’ Ab’I galatiya5:22

 C         :Igihe nshoboye kwizigama rero bisobanura ko har’inkomezi zidasanzwe muri jewe?

 M         : Ijambo ry’Imana rivuga yuk’uganza umutima wiwe aruta uwunesheje igisagara, kandi akaruta umunyenkomezi. Urashobora gusoma ico gice mu Migani16:32

 C            :Mbwira Mike, kand’umbwize ukuri, mbega birashika ah’unanirwa kwirinda kuger’ah’uhagarika umutima?

 M         : Ivyo bishikira zina kiremwa muntu yambaye umubiri ariko ikinezereza n’uko dufise ikirwanisho kidasanzwe, inkota ari yo jambo ry’Imana. Ndakurungitse mu b’I Filipi 4:6 aho ijambo ry’Imana ritubwira ngo: ‘Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwihangana bifatanije no gukenguruka’ hamwe na : ‘ Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi’ nkuko biri mu b’I Filipi 4:13

C         : Ndagushimiye cane kur’iyo nyigisho ariko nagomba gutahura izindi mvo zituma tudendebukirwa mu masengesho yacu

M         : Egome ariko tuzobivugana muri Guigoz ya 16

                                    GUIGOZ 16

C         : Bwakeye Mike, sinkishoboye kurindira kuva ca gihe wansezeranye kunyereka izindi mvo zituma tudendebukirwa kenshi mu masengesho yacu ndibaza ko ndazimenye noronka uburyo bwo kuzirinda koko. Ndabigusavye kukw’abantu bose tuvuganye ntakindi bambwira atari satani gusa, kandi mbona nk’aho duha satani inkomezi nyinshi bigaca bituma tumutinya tugatakaza ukwizigira Imana

M        : Ndanezerejwe n’ivy’uhejeje kumbwira kuk’umbajije ikibazo utangiye inyishu wewe nyene

C         : Iyihe???

M        : Gutakaza ukwizigira Imana.

C         : Ugomba kuvuga yukw’igihe twizigiye Imana, satani aca atakaza inkomezi ziwe ako kanya nyene? Banza umbwire ko satani afise izo nkomezi koko, none ni kuki Imana yazimuhaye?

M        : Singomba kuvuga ido n’ido yavyo kuko dushobora guhusha intumbero yacu ariko muri make, ububasha bwari bwarahawe Adamu kandi satani yar’abizi neza cane nico gituma adamu amaze gucumura satani yaciye yigarurira inkomezi ziwe...

C         : Ugomba kuvuga ko yivye ububasha bwari bwaragenewe Adamu? Ububasha bwo kuganza ibiri mw’isi vyose?

M         : Ego cane

C         : Tugaruke kukwizigira Imana, n’ikihe ciza kiri mu gushira ivyizigiro vyacu ku Mana....mbega har’ico bisa bisana n’ubuzima bwo gusenga?

M         : Imbere yuko nishura ikibazo cawe, ngomba kowugurura Bibiliya yawe usome muri Yeremiya17:7-8

C         : “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw’azoba nk’igiti gitewe I ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco iruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.”

M        : Inyishu tuyisanga mur’uwo murongo: Amazi asobanura ijambo ry’Imana, imizi isobanura amasengesho.

C         : Aaaahh!!! Kuba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi bisobanura kuguma mu majambo y’Imana, imizi ikaba isobanura amasengesho, bica bisobanura kw’amasengesho ategerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana..... sindabitahura neza cane?

M        : Ego bandanya war’uhageze... amasengesho agereranywa n’imizi iyo nayo itegerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana, bisobanura kw’amasengesho ategerezwa kwisunga ijambo ry’Imana, mu yandi majambo, amasengesho ategerezwa kugirwa mu mpwemu ntagirwe mu mubiri, ni vyo bisigura yukw’ategerezwa kwisunga ubugombe bw’Imana kandi ndibaza ko tumaze kuvugana kur’ivyo si vyo none?

C         : Ego cane! Ndacibuka neza cane itandukaniro riri hagati y’isengesho ryo mu mubiri n’isengesho ryo mu mpwemu ariko ndacafise amatsiko kur’uwo murongo wo muri Yeremiya 17:8-9 kuko havugwa kw’ico giti kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto, ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama. Biratangaje vyukuri! Igihe c’uruzuba n’ukwamana itoto bisobanura iki?

M        : Biroroshe cane, igihe c’uruzuba gisobanura ubwoko bwose bw’ibigeragezo umuntu ashobora guca mwo, n’ay’icamwa gisobanura igikorwa cose umuntu akora kubw’icubahiro c’Umwami n’amasengesho arimwo kandi umukristo yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe, ntiyumva izuba iyo ryatse kandi ntazokwiganyira mu mwaka w’uruzuba. Igiti camana itoto bisobanura umukristo yashize ivyizigiro vyiwe mu Mana mu kuguma mu masengesho, nibwo buryo igiti kironkeramwo ubugingo.

C         : None vyogenda gute igihe uruzuba rushitse ku mizi?

M        : Ica inigirwa ntisubire guhema na rya toto rigahinduka umuhondo kandi mu minsi mike ca giti kiruhira kwuma no kuzimangana

C         : Ninaba nakwumvise neza, igiti gitewe I ruhande y’amazi, imizi yac’iba irinzwe neza kandi ntinamenya ihindagurika ry’ibihe, yibandanyiriza gukora ukuri kwamye? Bifitaniye isano nivyo twariko turavugana mu gihe giheze vyerekeye ingene umutima utegerezwa kurindwa kuruta ibindi vyose?

M        : Ubu rero ndabona ko wabitahuye vyose. Ikirengeye vyose nuko woshira ivyizigiro vyawe k’Uhoraho kandi ibihe duca mwo ntibikwiriye gutosekaza ubugingo bwo gusenga kuko tuvoma ubwoko bwose bw’imigisha iva ku Mana mu buryo bwo gusenga

C         : Urakoze  Mike kandi Imana iguhezagire. Mbega ejo ndashobora kuzokubona? Ndafise ikindi kibazo

M            :Ntangorane isango muri Guigoz ya 17

                                  GUIGOZ 17

C         : Bwakeye Mike, urakoze cane kumpa akanya ko kuvugana. Hoba hariho idini risumba ayandi yose. Har’ico Bibiliya ibivuga ko ?

M         : Bibiliya iravuga muri Yakobo1 :27 «  Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’iyi si »

C         : Kuber’iki abapfakazi n’impfuvyi? Kuber’iki bifise akamaro cane mu nyonga z ‘Imana ?

M        : Inyishu iroroshe cane: kubera yukw’Imana yihishije mu bapfakazi, impfuvyi n’uwufise ico akenye wese

C         : Urashobora kumbwira umuntu umwe gusa mur’iyi si adafise ico akenye?

M        : Uko n’ukuri koko, abantu bose barafise ico bakenye ariko iyo mugenzi wawe akenye amafaranga yo kuriha amashure urashobora kuyamuha ariko haheze igihe akazoyagusubiza si vyo none?

C         : Birumvikana cane

M        : Ni vyiza. Imana rero yihishije mu bantu badashobora kugusubiza canke kukuriha iyo ufise ico wabahaye

C         : Ugomba kuvuga yukw’igihe badashobora kunyishura, Imana izonyishura mu gishingo cabo ?

M         : Neza cane

C         : Ntunga unyereke aho ico gice kibivuga kiri muri Bibiliya

M        : Uzosoma muri Luka14 :12-14 aho Yesu avuga yuko dutegerezwa gutumira abakene, ibimuga n’impfuvyi…. Kubera yuko badashobora kugusubiriza mu nkoko. Rero igihe cose ufashije umuntu adashobora kukwishura, utegerezwa kubikorana umunezero kuk’uba ubikoreye Umwami

C         : Jeho namara igihe nibaza ico nokorera Umwami ? Nahora niyumvira ko gusenga, gusoma bibiliya, gutanga ikigira cumi n’amashikanwa bihagije ubwavyo kandi bihimbaza Imana. Yesu akaba yihishije koko mu mpfuvyi n’abapfakazi, bisobanura ko duhura nawe imisi yose ntitubimenye ?

M        : Neza cane. Ni co gituma kumusi w’urubanza benshi bazobaza Umwami igihe bamubonye arwaye, anyotewe cank’ari ingezi… bazotangazwa n’ingene Umwami azobajinjibura kubera ko batamuserutseko

C         : Ushaka kuvuga yuk’Umwami azotubaza ingene twamubonye mu bukene bunaka ntitwamuserukako ?

M         : Egome ! tuzokwisigura imbere yiwe twese nkuko muri Matayo25 :40 handitswe ngo :

            « Umwami nawe azobishura , ati ndababwire ukuri : ko mwabigiriye umwe mur’abo bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye » Mu gihe muri Matayo25 :45 avuga ngo:“ Ko mutabigiriye umwe mur’aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye »

C         : Ariko Mike, jewe ndacari umunyeshule kandi nta mafaranga akwiye mfise yo kugarukira abo bantu, uravye ibinsaba amafaranga buri kwezi, jewe ndiyumvira kw’Imana intahura…. Kandi ikirengeye ni ukwizera mfise kuri Yo ?

M         : Uvuga nk’ah’umenga Imana irakeneye amafaranga yawe kandi ugaca wibagira ko atari na rwawe kuko Bibiliya ivuga muri Hagayi2 :8 y’ukw’amafeza n’amazahabu aray’Uhoraho. Ico ngomba kuvuga n’ukw’Imana idakeneye amafaranga yacu, ariko ikeneye imitima yacu. Iragomba ko tugaragaza urukundo rwayo mu gufashanya n’abandi. Ni ko kamere k’Imana, rero igihe umbwira yukw’igikenewe ar’ukwizera ufise kuri Yo, ico no kubwira co ni uko ukwizera kutagira ibikorwa ataco kuba kumaze

C         : Ukwizera kutagira ibikorwa ntaco kumaze gute ?Ariko Bibiliya iravuga mu

            Banyefeso2 :8-9 ko twakijijwe kubw’ukwizera ntivyavuye ku bikorwa, ngo hoye kugira uwirarira

M         : Woba warigeze kubona ikiziga n’amaso yawe?

C         : Ego narabonye umubiri wa mawe igihe yapfa

M        : Mbega ubugingo bwiwe bwari bumeze gute ?

C         : Ariko ….Mike, nakubwiye ko yaramaze gupfa nta bugingo bwari bukiri muri we

M         : N’uko rero, Bibiliya itubwira muri Yakobo2 :26 ngo : « Nk’uk’umubiri utari mw’impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye »

C         : Numva bikomeye !!!! Mpa akanya ko kunoganza ivy’umbwiye maze tuzosubire ejo

M         : Isango ni Guigoz ya 18

                                 GUIGOZ 18

C         : Bwakeye Mike, narumvise yuko hariho amabango atanu mw’ishengero ariko na bugingo n’ubu sinshobora gutahura igikorwa ca buri bango kandi narabonye ko benshi mu bagenzi banje n’abo badashobora gutahura ic’umuntu wese ari mw’ishengero. Ngomba kotuvugana ido n’ido ya vyo

M         : Urazi ayo mabango 5 ?

C         : Egome, niyumvira yuko hariho, Abavugabutumwa, Abungure,Intumwa,Abigisha    n’Abavugishwa n’Imana. Arikw’ingorane n’uko ntibuka neza aho uyo murongo uri

M         : Biri mu Banyefeso 4 :11, handitswe ngo : « kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’Abigisha » ariko uno musi ndasavye ko tuvugana gusa kuvyerekeye abavuga butumwa n’abungere

C         : Ego cane, numva ari vyiza! Ica nkenerwa ni uko ntahura ahar’itandukaniro kuko kenshi womenga Umwungure ni Umuvugabutumwa canke umuvugabutumwa ni Umwungere

M         : Imbere ya vyose, ngomba k’utahura k’umwana w’Imana wese yahamagariwe kuvuga ubutumwa n’ukuvuga gushinga intahe kubw’icubahiro c’Imana no kuvuga ivya Yesu kugirangw’abakiri mu nzira y’amahonero baronke ubugingo budashira ari na yo ngabire duhabwa ku buntu. Kandi Pawulo yandikiye Abaroma ababaza ingene abapagani bazokwizera Yesu igihe batumvise inkuru ziwe kandi ko batazobwumva hatagize umuntu abubabwira. Urashobora kubisoma mu Baroma10:14

C         : Bisigura ko twese twahamagariwe kubwiriza ivya Yesu?

M        : Neza cane, arikw’ibango ryo kuvuga ubutumwa ni umuhamagaro udasanzwe wo kuzana imitima kuri Yesu mu bikorane binini binini n’ivugabutumwa hanze y’ishengero kugirango binjire mw’ishengero ari wo mubiri wa Kristo

C         : Turashobora kugereranya umuvugabutumwa n’umurovyi agiye kuroba mu kiyaga?

M         : Neza cane

C         : Arikw’iy’imitima yihanye iri mw’ishengero, birasaba k’uwundi muntu ayitwararika?

M         : Aho ni ho hari ibango ry’umwungere

C         : Ibango ryo kuzigama imitima mw’ishengero?

M        : Egome mu buryo bumwe. Bibiliya igereranya umwungere w’ishengero n’umwungere w’ubusho. Uwo na we ukaba usanzwe uzi kw’igikorwa ciwe ari ukuzigama no kwitwararika ubusho

C         : Ni ukuvuga kw’ayo mabanga yuzuzanya?

M         : Bitegerezwa, niko vyari bimeze kuri Pawulo na Apolo igihe yandika mu

            1 Ab’Ikorinto 3:6 “ Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw’Imana niyo yazikujije”

C         : Jewe mbona umenga ibango ry’umwungere rirusha ayandi yose icubahiro kandi abakristo bakiri bato kenshi barota kuba abungere

M         : Birashoboka kw’abantu bavyipfuza  igihe bavyitegereza bari kure ariko ku bwanje, ibango ry’umwungere ntiryoroshe na gato kuko nkuko Yesu yabivuze, kuba umwungure mwiza, ni ukwemera gutanga ubugingo bwawe kubw’intama nkuko vyanditswe muri Yohana10:11

C         : Ugomba kuvuga kw’ategerezwa gutanga ubugingo bwiwe kubw’abakristu bo mw’ishengero arongoye mbere akanaheba inyungu ziwe kubw’inyungu ry’ihanga ry’Imana?

M         : Si jewe ndabivuze, ariko ni Yesu yabivuze, kandi atagize nkuko, uwo mwungere agereranywa n’umuca ngero nkuko Yesu yabivuze muri Yohana10:12

C         : Umucangero?

M        : Egome, bisobanura yuk’ashira imbere inyungu ziwe kandi ugasanga ar’inyungu z’amafaranga. Hateye ingorane, umucangero arata intama agahunga

C         : Agahunga aje hehe?

M        : Ahamurwa neza ni ukuvuga mw’ishengero aronka mw’inyungu ziwe. Ivyo birakunda gushikira ubungere bahindagura amashengero barondera aharuta ahandi

C         : Imana ibafashe kuko wotuma uba umupagani hakuba umucangero

M         : Ndemeranya nawe Corinne

C         : Urakoze cane Mike. Wambwiye ko tuvugana ku mabango abiri uyu musi. Tuzosubira ejo rero.

                                 GUIGOZ 19

C         : Bwakeye Mike, ejo wambwiye ko tuvugana ku yandi mabango, mbega ugomba ko   tuvugana kuyahe uno munsi ?

M        : Eeeh… Mbega ntitwovugana ku Bigisha n’Intumwa ?

C         : Neza cane ! Ndafise igishika co kumenya ivyerekeye Intumwa kuko womenga abantu bose baratinya iryo zina. .. twama twumva havugwa Abungere n’Abavugabutumwa nkoh’umenga Intumwa zaheranye n’igihe ca bibiliya kandi ntizikibaho mur’iki gihe cacu

M         : Mubisanzwe, ibango ry’Intumwa riracakora na bugingo n’ubu mu mashengero menshi mw’isi ariko kenshi bitwa « Abamisiyonari »

C         : None iryo bango rikora gute ?

M        : N’ugushira abatizera bari ahantu ubutumwa bwiza butari bwabashikire bagahinduka kuba abigishwa ba Yesu Kristo, bakigishwa no kuhashinga ishengero bakigisha abungere maze bakabandanya rwabo mu ntumbero yo kwigarurira ibindi bisagara

C         : Nkukw’Intumwa Pawulo yabigenza?

M         : Si Pawulo gusa ariko n’Abigishwa bose ba Yesu Kristo bari Intumwa kukw’imbere yuko Yesu aduga mw’ijuru yababwiye mu vyakozwe n’intumwa1:8 “Ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe I Yerusalemu, n’I Yudaya hose, n’I Samariya, no gushitsa kumpera y’isi”

C         : Intumwa rero ni umuntu agendagenda?

M         : Twisunze insobanuro yo muri Bibiliya…. Inyishu ni ego

C         : None ni kuki hariho Intumwa zitwa Abungere b’amashengero maze bakaguma mu kibanza kimwe gusa kandi baramutse bagenda, usanga baja kuvuga ubutumwa ahantu runaka bakagaruka baja muri ca kibanza cabo basanzwe babamwo ?

M         : Nkuko Bibiliya ibivuga, abo si Intumwa ariko n’Abungere kandi naho tubita Intumwa n’izina ry’icubahiro gusa. Si ukuvuga yukw’igihe ufise izina ry’Intumwa uca ucika Intumwa, kuko nkuko Pawulo avuga mu 2 Ab’i Korinto10 :18, uwishimagiza si we yemerwa, ariko hemerwa uwo Umwami wacu ashimagiza

C         : Ndizera konatahuye neza ibango ry’intumwa mbega none ntiwombwira ivy’Abigisha ? Umwigisha n’iki kandi afise igikorwa ki mw’ishengero ?

M        : Igikorwa c’Umwigisha ni ukwigisha ihanga ry’Imana n’ukubafungurira ijambo ry’Imana mu kubazanira uguhishurirwa kwose gushoboka kukw’ijambo ry’Imana riri mu mpwemu kandi uwigisha wese ategerezwa kuryigisha mu mpwemu

C         : Rero iyo abakiristu bigishijwe, barashobora na bo nyene gukora ico gikorwa co kwigisha ?

M         : Uragaba Corinne ! Ntukitaranye akaririro ko gukorera Imana n’umuhamagaro kuko benshi barwa mur’uyo mutego. Intumwa Pawulo iravuga muri 1Ab’I korinto12 :29 ko bose badashobora kuba intumwa, abigishwa n’abavugishwa n’Imana. Umukirisu ategerezwa gusenga kugira ngo aronke ubuyobozi bwa Mpwemu w’Imana ariko ndakugabishije ko har’akaga ko kwigira Umwigisha iyo utarungitse n’Imana koko. Ibango ryo kwigisha riratandukanye n’ukuvuga ubutumwa bwa Yesu mu gushinga intahe kuko nkuko nakubwiye, iryo n’itegeko rya buri mukirisu wese

C         : Ni kuki uvuga ko hari akaga ko kwigira umwigisha ? Uwo mwihariko ushingiye kuki ?

M         :Kuko Bibiliya ibitubuza mu kutugabisha ko hadakwiriye kuba abantu benshi biyita Abigisha, kuko Abigisha bazocirwa urubanza ruruta iz’abandi…ushobora kubisoma muri Yakobo3 :1

C         : Kubera iki bakarira cane Abigisha ?

M        : Kuk’umwigisha afise ubushobozi bwo gusambura canke kwubaka ishengero kand’ijambo ry’Imana ritubwira ngo ntihakagire abantu benshi biyita Abigisha ijambo ry’Imana, ni kugirango ntihakagire umuvurungano mw’ishengero ry’Imana. Ihanga ry’Imana ritegerezwa kwubakwa n’inyigisho zimwe, umutima umwe, umushaha umwe, ivyiyumviro bimwe n’urukundo rumwe! Kandi rero utudumbidumbi n’inyigisho z’amadayimoni zizanana n’inyigisho z’ibinyoma kubera yuk’umurwanizi acishiriza cane mu nyigisho

C         : Ego cane ariko ni kuki none ushimikira cane ku nyigisho ?

M        : Kubera yukw’inyigisho zihishura ivyahishijwe kandi igihe abakirisu bizeye ivyo ubigisha uca uba igikoresho gishobora gukoreshwa n’umurwanizi kuko ababona muri wewe ubushobozi busambura. Igihe uwigisha atari umuny’amasengesho, kenshi na kenshi arangiriza mu guhusha inzira nyayo, umurwanizi amaze kumwigarurira benshi mu basanzwe bari inyuma yiwe baca bata inzira

C         : Ndagushimiye k’umuco umpaye kandi niyumvira k’ubutaha tuzovugana kw’ibango ryo kuvugishwa n’Imana

                              GUIGOZ 20

C            :Bwakeye Mike,

M         : Bwakeye Corinne

C         : Ndizera konatahuye akamaro k’Umuvugabutumwa, Umwungere, Intumwa hamwe n’Umwigisha ariko rero nagomba k’uyu musi tuvugana kuvyerekeye Umuvugishwa n’Imana. Ndamaze kubona ko benshi bavugishwa ariko ngomba kumenya y’ukuwuvugishwa n’Imana yob’umwe mw’ishengero canke k’umuntu wese ashobora kuvugishwa?

M         : Umurongo wo muri 1Ab’I korinto12:29 utwereka neza kw’atari bose bavugishwa n’Imana. Ariko kandi umukirisu wese afise Mpwemu Yera ashobora kuvugishwa kuko bibiliya ivuga muri 2Petero1:21 iti kukw’ata jambo ry’abavugishwa n’Imana ryazanywe n’ukugomba kw’umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera”. Naho nyene, utegerezwa gutandukanya ingabire n’ibango ryo kubugishwa n’Imana. Ku vyerekeye ingabire yo kuvugishwa n’Imana, iganuke riza igihe Imana igomba kuvuga kandi bishika kenshi mu makoraniro y’amasengesho ariko Umuvugishwa n’Imana asanzwe akorera mw’ishengero maze Imana ikavugana kenshi n’ihanga ryayo icishije muri we

C         : Ni vyiza, wagerageje kuntahuza yukw’atari umuntu avuga ahubwo ari Imana ivuga icishije muri we?

M        : Ego cane, ariko urasabwa gutahura kw’ insobanuro nyakuri y’ijambo ry’Imana “kwigisha canke kuvuga ubutumwa”  ari “ukuvuga kubw’Imana” ari na yo nsobanuro nyayo y’ijambo “Kuvugishwa” mu rurimi rw’igiheburayo

C         : Rero Mike, ubu ndizera yuko twinjiye mu bintu bikomeye. Igihe giheze nahaririye cane n’umukirisu yariko agerageza kumbwira k’umugore adafise uburenganzira bwo kuvuga mw’ishengero yisunze 1Ab’I korinto14:33-34 handitse ngo: “Kukw’Imana atari iyimivurungano, ariko n’iya mahoro. Abagore bacereze mu makoraniro kuko batemerewe kuvuga, ariko baganzwe, nkuko ivyagezwe na vyo bivuga”. Narageze aho nemera  yukw’avuga ukuri ariko ntangajwe n’insobanuro uhejeje kumpa kuvyerekeye ijambo “kuvugishwa” kuko nasomye muri Yoweli2:28 kw’Imana izosuka Mpwemu wayo kubari n’umubiri bose kandi ngw’abahungu bayo n’abakobwa bayo bazovugishwa nayo! Bikaba bisobanura koko kuvuga kubw’Imana, jewe sintahura impamvu zituma babuza abagore kubwiriza  mu mashengero runaka kuko bitwa abagore gusa

M         : Ivy’uvuga n’ukuri, igihimba co muri 1Ab’I Korinto14:33-34 kizana kuzazanirwa kenshi cane cane kubera k’umurongo wa 37 intumwa Pawulo avuga y’ukw’ar’icagezwe c’Umwami…

C         : Ntunga ndaguciremwo Mike, ndamaze kwumva abakirisu benshi bavuga ko Pawulo yabwira ishengero ry’I korinto gusa kuko yagomba gutatura amatati bari bafise muri kirya gihe

M         : Ariko Corinne, usomye witonze umurongo wa 33, usanga Pawulo avuga kw’abwira amashengero yose kukw’avuga ngo: “Nkuko bimeze mu makoraniro yose y’abera…”

C         : Mbega none ukwo kuzazanirwa kuva hehe, ko wambwiye yuko “kuvugishwa” bisobanura “kuvuga kubw’Imana”kandi nkaba nakweretse yuk’umuvugishwa n’Imana Yoweli avuga kw’abahungu  n’abakobwa b’Imana bazovugishwa  nayo mu bihe vy’iherezo? Kw’abakobwa b’Imana bashobora kuvugishwa naYo, nca bona yuko bashobora no kubwiriza mu makoraniro arimwo n’abagabo, none uvyiyumvirakw’iki ga Mike?

M         : Ndemeranya nawe kuko Pawulo yongera kuvuga muri 1Ab’I Korinto11:5 ivyerekeye umugore asenga canke avugishwa n’Imana. Ariko ndagomba ko dusuzuma ico ciyumviro intambuko ku yindi, si vyo none?

C         : Neza cane, ndiko ndagukurikira ijana kw’ijana

M         : Ukuzazanirwa guhambaye kuri ku mirongo ya 33 na 34 n’ukuvuga 1Ab’I Korinto14:33-34 ariko jewe ubwanje ndakubwira ico ndavyiyumvirako, nsaga insobanuro ku murongo wa 35 aho ategeka abagore kubaza abagabo babo I muhira kubera yukw’atari vyiza k’umugore avuga mw’ishengero. Maze iyo ntumwa Pawulo nyene yandikira Timoteyo avuga ngo: “Ariko sinkundira umugore ko yigisha  canke kuganza umugabo, arikw’atekereze” 1Timoteyo2:12. Ibi binyereka ko Pawulo yashimangira cane guca bugufi kw’umugore imbere y’umugabo kandi nkuko vyanditswe mw’ijambo ry’Imana, umugore ategerezwa guca bugufi imbere y’umugabo wiwe nkukw’ishengero rica bugufi imbere ya Kristo nkuko tubisoma mu Banyefeso5:24 kandi ni Pawulo wa wundi nyene avuga mu 1Ab’I korinto11:5 yuk’umugore ashobora kuvugishwa n’Imana ari nako kuvuga kubw’Imana kandi ubuvugishwa buza kugira ngo butoze indero, buhanure no kwubaka ihanga ry’imana harimwo n’abagabo. Uwavugishwa n’imana yitwa Yoweli akabayaravuze kw’Imana izovugira mu bahungu n’abakobwa bayo, ndatahura yukw’ititwararika igitsina c’uw’igomba kuvugiramwo ariko ivugira mu muntu ishaka kuvugiramwo no kugihe ishaka kuvugirako. Gusa Pawulo yabujije abagore kwigisha ariko ntiyababujije kuvugishwa canke kuvuga ubutumwa. Mu kurangiza ndagusavye usome Ab’I galatiya3:28 maze mbanje kumenyesha kw’ari Pawulo nyene yandikiye ishengero ry’I Galatiya.

C         : “Ntihashobora kuba umuyahudi canke umugiriki, ntihashobora kuba umugurano canke uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo canke umugore, kuko mwese mur’umwe muri Kristo Yesu”… Ohooo Mike! Ndizera yuko bitahuritse cane kandi sinkekeranya iki ari igihe co gusangira n’abandi ivyo mpejeje kwumva.

M         : Ni vyiza cane, ndizera ko bihagije kubw’uyu musi. Tuzosubira muri Guigoz ya 21

                                        GUIGOZ 21

C         : Bwakeye Mike, uno musi mfise ikibazo nkoramutima cerekeye ikigira cumi n’amashikanywa. Ndazi ko Pasitori wanje abivugako kenshi ariko ivyo natahuye vyose ni ko notanga ikigira cumi ari co gice c’icumi c’ivyo turonka mu bikorwa dukora, amashikanwa na yo ntarugero canke ibice twabwiwe twisunga mu gutanga.Gushika uno musi ntanga ngo nshitse icagezwe gusa ariko noshima kumenya insobanuro n’impavu y’ivyo ntanga. Ngomba kumenya aho ico cagezwe c’ikigiracumi n’amashikanwa cavuye.

M         : Dutangurire ku kigiracumi

C         : Ni vyiza

M         : Ikigiracumi ni kimwe mu vyagezwe Uhoraho yahaye Mose ku vyerekeye ihanga Isirayeli. Ugurura Bibiliya usome yawe usome mu Guharura18:21

C         : “Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisiryeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw’impembo vy’ibikorwa bakora vyo mw’ihema ry’ibonaniro.”

M        : Uratahuye kw’ibigiracumi vy’ari bibikiwe ihanga rimwe.

C         : Irihe?

 M         : Ihanga rya Lewi. Lewi yar’umwe mu bahungu ba Yakobo kandi Imana yategetse Mose kw’Abisirayeli bategerezwa kuzana ibigiracumi ku bana ba Lewi kuko bakora ubudaca mw’ihema ry’ibonaniro.

C         : Ushaka kuvuga yukw’ar’ivyo nyene bakora? Ico ni co car’igikorwa cabo gusa?

M         : Ego cane, baguma bakora mw’ihema ry’ibonaniro umwanya wabo wose, Abisirayeli bose bategerezwa kuzanira ibigiracumi vy’ivyo baronka vyose abahungu ba Lewi ari bo bitwa “Abalewi”

C         : Abisirayeli babazanira ibigiracumi nko kubashimira?

M         : Oya, kw’ar’ukwubaha Uhoraho kukw’Abalewi bakorera Imana ibihe vyabo vyose kandi guha umulewi ikigiracumi ni nko kugiha Imana ubwayo

C         : Ni nk’umushahara w’Abalewi ni nimba nagutahuye neza

M         : Ego ni vyo kukw’Imana ivuga mu Guharura18:31 “Muzobirira aho mugomba hose, mwee n’abo mu ngo zanyu; kukw’ar’impembo zanyu muhemberwa ibikorwa mukorera mw’ihema ry’ibonaniro.”

C         : Ndavyemeye, none ni irihe tandukaniro riri hagati y’ikigiracumi n’amashikanwa?

M            :Ishikanwa ry’ari rigizwe n’ibintu bigaragara ihanga ry’Imana ryazana ngo bikoreshwe mu kwubaka no gukorera mw’ihema ry’ibonaniro, kandi vya cungerwa n’Abalewi. Kugira utahure ivyo mvuze, urashobora gusoma mu Guharura 7:3-5

C         : “Bazana amashikanywa yabo imbere y’Uhoraho, imikogote itandatu isakaye hejuru, n’inka cumi na zibiri zo kuyikwega:abo bakuru bose, babiri-babiri basangira gushikana umukogote,umwe-umwe akisangiza gushikana inka;babizana imbere y’iryo hema.Uhoraho abarira Mose,ati ni wakire ivyo bazanye, bibe ivyo gukoreshwa ibikorwa vy’ihema ry’ibonaniro; ubihe Abalewi babikoreshe, umuntu wese nk’ukw’igikorwa ciwe kiri

Ego mbega kw’ivyo vyose vyari mw’Isezerano rya Kera, ni kuki none abantu babandanya gutanga ikigiracumi n’amashikanwa kandi Abalewi batakiriho canke ihema ry’ibonaniro?

M         : Abalewi ntibakiriho ariko haracariho abakozi b’Imana bakorera Imana umwanya wabo wose maze ikigiracumi kikababeshaho nkuko vyari bimeze ku gihe c’Abalewi mu gihe ca Mose. Amashikanwa afasha mu kwubaka no kugira neza ingoro y’Imana ni ukuvuga ishengero n’ibikorwa vyose bihakorerwa, naho nyene ni nkuko vyakorwa mu gihe ca Mose.

C         : Naguma nibaza kubera iki Yesu atigeze avuga ku vyo gutanga ikigira cumi n’amashikanwa ni co kimwe na Pawulo n’izindi ntumwa. Ndashobora kuba nihenze, ariko sindigera nsoma umurongo n’umwe mw’Isezerano Rishasha udusaba gutanga ikigiracumi n’amashikanwa cank’ucira urubanza abatabitanga. Ivyo ni vyo nama numva kubavugabutumwa benshi mu mashengero. Iy’ivyo biba ari nkenerwa cane, kuber’iki Yesu, Intumwa…ata n’umwe yigishije kukigiracumi n’amashikanwa?

M         : Ntibavuze ku kigiracumi n’amashikanwa kuko bari bafise ukundi guhishurirwa kw’impwemu ku vyerekeye gukorera Imana dukoresheje amafaranga yacu. Muri Luka12:21, urashobora kubona ingene Yesu agabisha abagomba kwitungisha hatirimwo inyungu z’Imana. Pawulo nawe avuga muri 2Ab’I korinto 9:6-7 yuk’uwubiba bike azokwimbura bike, ubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Aravuga kandi kw’Imana ikunda abatanga banezerewe atagahinda cank’agahato. Corinne ndaguhanura k’utosubira kugerera Imana ku kigiracumi kukw’ikwiriye ibirengeye ivyo. Ntukabohwe n’icagezwe na kimwe ariko uyoborwe na Mpwemu Yera uwo niwe azokwereka ingene Imana ari nkuru ntuzoba ugitanga igice kimwe c’ivyo uronka kandi wibuke k’ubivye vyinshi uzokwimbura vyinshi kukw’Imana yacu ar’iyo kwizigirwa.

C         : Urakoze cane kandi numva mbohotse koko. Tuzosubira muri Guigoz ya 22

                                        GUIGOZ 22

C         : Bwakweye Mike,

M         : Bwakeye Corinne,

C         :Mike, numvise ubutumwa buvuga ko dukwiriye kwubaha abaganza n’abakuru mu ntwaro no kubasengera kuko bava ku Mana. None bova ku Mana gute kandi batashizweho n’abavugishwa n’Imana canke ni kuki dukwiriye kubasengera?

M         : Ni vyiza, imbere ya vyose ni wugurure Bibiliya yawe usome mu Baroma13:1-2

C         : “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw’ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana. Ni co gituma ugabagabiye uganza aba agabagabiye icagezwe n’Imana: kand’abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza” Mbega kw’atavyo narinzi na gato. Ni gute none muntu yobayarashizweho n’Imana mugabo akarenganya abandi?

M         : Umuvugishwa n’Imana Daniyeli avuga kw’Imana ari yo ishinga abami muri Daniyeli2:21 kandi ngomba k’utahura yukw’avuga ku bami bisobanura abandi bami baganza ayandi mahanga atari Isirayeli. Mu yandi majambo bisobanura ko yavuga ku bami b’abapagani kandi nta nkeka ko basenga izindi mana ... uno musi twobigereranya n’abakuru b’ibihugu. Ukaba wizera kw’ijambo ry’Imana ar’ukuri, utegerezwa kwemera kw’atakuganza kutava ku Mana

C         : Nyereka igice kivuga ko bikenewe cane gusengera abaganza?

M         : Urashobora gusoma muri 1Timoteyo 2:1-3

C         : “Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana: kandi cane-cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’inyanka mugayo rwose. Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu.”

M         : Uratahura ko hatavugwa abami gusa ariko n’abashizwe hejuru bose?

C         : None mu kubasengera duca tubaho ubuzima butekanye? Ni kuki tutosaba Imana ishireho umuntu ayitinya kandi dusangiye ukwizera?

M        : Corinne wibuke igihe nakubwira isengesho ryo mu mpwemu n’isengesho ryo mu mubiri. Jewe narabonye abakirisu mu gihugu runaka basenga Imana ngw’ikureho canke yice umukuru w’igihugu cabo kandi ivyo babitumwa n’umubabaro bafise arik’urazi kw’Imana idashobora kwishura amasengesho ben’ ayo. Igihe tuyisaba gukuraho ubutegetsi yashizeho ubwayo, ivyo bisobanura yuko tuba dusuzuguje uguhitamwo kwiwe bigasa n’aho tugomba kuyikosora. Birasabwa k’utahura yukw’ata kintu na kimwe Imana igira mu gucacisha, igihe dusengera abaganza, Imana irashitsa ubugombe bwayo kukw’ari yo ibaha ububasha bwose bafise kandi ni mur’ubwo bubasha nyene ishinga kandi igahindura abaganza bihwanye n’ubugombe bwiwe.

C         : Rero mur’ico gihe si vyiza kubavuga nabi?

M         : N’ivyagezwe birabitubuza; Mu Kuvayo 22:28 handitswe ngo: “Ntihaze hagire uwurogota kuri jewe Imana, canke ngw’avume umukuru wo mu bwoko bwanyu.”

C         : Rero kuvuga nabi umukuru ni icaha?

M         : Ego cane

C         : Ariko vyarashika aho Pawulo n’intumwa bashavura bagatuka abaganza bababuza kuvuga ubutumwa.

M        : Corinne wibuke ko Pawulo n’intumwa bari biremwa muntu nka wewe na nje, kandi uzosanga kw’igihe cose bisanga mu makosa barihana canke bagasaba imbabazi

C         : Urashobora kunyereka igice aho umwe mu ntumwa yitwaye nabi imbere y’umukuru yababuza kuvuga ubutumwa akabisabakw’imbabazi?

M         : Urashobora gusoma mu Vyakozwe n’intumwa 23:3-5 aho Pawulo yatutse umuherezi mukuru amwita “urusika rukuyengejekw’ingwa” arikw’abari kumwe na we baciye bamumenyesha yuk’uw’atutse ar’umuherezi mukuru nawe yaciye yihuta gusaba imbabazi avuga yukw’atar’abizi kuko yamenyeko bibujijwe kuvuga nabi umukuru.

C            :Hamwe n’ivyo mpejeje kwumva, ndatahuye ko ntegerezwa kwihana kuko binshikira nkavuga nabi abakuru kandi sinarinzi n’uko nategerezwa kuba ndabasengera

M         : Birashobora kudushikako twese arikw’igihambaye n’ukwitahura vuba ugasubira mu nzira nziza kuk’uribuka kw’ijambo ryo mu Baroma13:2 ryatubwiyeko tubatwihamagariye urubanza twebwe ubwacu.

C         : Ndagushimiye cane Mike, nzosubira kukubona muri Guigoz ya 23

                                       GUIGOZ 23

C            :Bwakeye Mike, nahuye n’umukirisu yagomba kunyemeza ko Eliya uwavugishwa n’Imana yagarutse Yesu amaze kwurira mw’ijuru kandi ko yaduhaye ukundi guhishurirwa kandi ng’uwudafise ukwo guhishurirwa yarazimiye. Mbega urashobora kumbwira ivyerekeye Eliya uwavugishwa n’Imana no kuza kwiwe kwavugishijwe kuva kera?

M         : Ndazi neza inyigisho ben’izo kandi vyose vyubakiye ku mirongo ibiri ya Bibiliya. Uribuka igihe nakubwira k’umurwanizi akorera cane mu nyigisho no gusobanura nabi umurongo umwe canke ibiri muri Bibiliya bikaba umuryango w’amahonero. Iyo mirongo ibiri tuyisanga muri Malaki 4:5-6 ,  handitswe ngo: “Umve nzobabarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kandi utey’ubwoba utarashika. Uwo ni we gisanganya azosanganya imitima ya ba se n’iy’abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.”

C         : Mbona ubwo buhanuzi butahurika: hategerezwa kuvuka umuntu afise impwemu nk’iya Eliya ngw’ategurire Umwami ihanga ryiteguye, biragaragara rero k’uwo Eliya yategerezwa kuza agategura abantu imbere yo kuza kw’Umwami Yesu?

M        : Nanje numva bitahurika ariko harakenewe igice ca Bibiliya kivyemeza. Mbe ku bwawe umugishwa n’Imana yaje gutegurira Umwami inzira n’inde?

C:        Ntankeka ni Yohana Umubatizi. S’umuvugishwa wa nyuma imbere yo kuza kwa Yesu                       

            gusa, niwe kandi yateguye Abisirayeri mu kubabwira yuk’uwuje inyuma yiwe amuruta                  

            ububasha, kandi yarahaye n’uburenganzira abigishwa biwe ngo bakurikire Yesu.

M         : Neza cane Corinne, ariko ngomba ko wugurura Bibiliya yawe usome muri Luka1:16-17 urabona ingene umumarayika yabonekeye Zakariya (se wa Yohana Umubatizi) yavuze igikorwa azokora

C         : “Kand’azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo. Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bwiwe, ngw’asanganye imitima ya ba se n’abana, n’intabarirwa azisubize ku bwenge bw’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubwoko buroranye.” Ni vyo ndabona kwazosanganya imitima ya ba se n’iy’abana, ni kuki batavuga kwazosanganya imitima y’abana n’iya ba se nkuko vyavugishijwe muri Malaki4:5-6?

M        : Nawe mbwira ico bisobanura “gusubiza intabarirwa ku bwenge bw’abagororotsi?” Intabarirwa no bande, abagororotsi bafise ubwenge ni bande?

C         : Eeego. Uri mu kuri, intabarirwa n’abana, abagororotsi ni ba se. Mu bisanzwe nakubajije ico kibazo kukw’abahagaze kur’izo nyigisho nakubariye ntibahakanako Yohana Umubatizi yarimwo impwemu ya Eliya ariko bavugakw’azosanganya imitima ya ba se n’abana ntibavuga imitima y’abana na ba se, rero uwundi Eliya azoza gusanganya imitima y’abana na ba se.

M        : Ndabizi nkuko nakubwiye ko nzi neza izo nyigisho mbere n’ibini utazi kuri zo, kuko bavuga ko Eliya azogaruka gutegura ukuza kw’Umwami.

C         : None ushobora guhinyuza gute kw’atari ukuri?

M         : Muri Matayo 24:3 , ku musozi wa elayo, abigishwa barabajije Yesu ngw’ababwire ibimenyetso vyo kugaruka kwiwe n’ivy’umuhero w’isi kandi urashobora gusoma igihimba cose ca 24, nta gice na kimwe uzobona aho Yesu yavuze ko Eliya azogaruka gutegura ukuza kwiwe mbere na Yohana Umubatizi ntawe yavuze

C         : No mw’isezerano rishasha ryose?

M         : Kiretse ko woba ufise iyindi bibiliya, ariko jewe ndazi ibimenyetso vyose Yesu yatanze ubwiwe kandi yaravyeruye muri Matayo24:33:N’uko, namwe ni mwabona ivyo vyose bishitse,muze mu menye kw’ari hafi, ku rugi.”

C         :Rero biragaragara ko Yohana Umubatizi ari we Eliya yategerezwa kuza?

M         : Ugomba ko bisobanuka kuruta, soma muri Matayo11:13-14

C         : “Kukw’abavugishwa n’Imana bose bavugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa ku gihe ca Yohana, kandi ni mwaba mugomba kuvyemera uwo ni we Eliya yavuzwe kw’azoza.” Emwe birasobanutse cane! None uvuga iki kubavuga ko Eliya ar’umwe mu mubavugishwa babiri bavugwa mu Vyahishuriwe 11?

M         : Ku bwanje, abavuga kw’ar’impwemu ya Mose na Eliya, babivuga kuko mu Vyahishuriwe11:6 havuga ko bafise ububasha bwo gukinga ijuru, ngw’imvura ntikoroke kandi barafise ubushobozi bwo guhindura amazi mu maraso kandi urazikw’atabandi atari Mose na Eliya bagize ivyo bintu bibiri

C         : Imana iguhezagire kuk’ubu ibintu bisobanutse cane. Ndazik’ufatiriwe ariko ndafise ikibazo ca nyuma ntarakurekura rwose. Kizoba muri Guigoz ya 24: nagomba kumenya ko yesu ari Imana canke Umwana w’Imana gusa?

M         : Uzobimenya muri Guigoz ya 24

                                GUIGOZ 24

C         : Bwakeye Mike, uno musi niko kubonana kwa nyuma kandi nkuko nabikubwiye ubuheruka, nkeneye inyigisho ku bumana bwa Yesu kuko sintahura ingene ashobora kuba Imana kandi hariho imirongo myinshi ya Bibiliya aho Yesu ubwiwe yita Imana “Data” kandi avuga kenshi ku vya Se ari mw’ijuru. Yesu ni yaba ari Mana koko, ni kuki yahamagara iyindi Mana?

M        : Imbere ya vyose mbanje kukubwirakw’ari nyigisho ikeneye uguhishurirwa kudasanzwe kuva kuri Mpwemu Yera kuko nabonye abantu benshi igihe bahejeje gusoma imirongo yose yemezako Yesu ar’Imana, baguma batavyizeye neza.

C         : Ariko Mike, niwe yivugira muri Yohana 14:6 kw’ari we nzira ukuri n’ubugingo kw’atawushika kwa Data atamujanye... mbega iyo nsobanuro ntikwiye?

M         :Ni vyiza kumpa uwo murongo kukwaho ni ho duhera nyene. Ntugume ku murongo wa 6 gusa, manuka no ku wa 7 n’ukuvuga Yohana14:7 

C         : “Iyo muba mwaramenye, na Data muba mu muzi.Uhereye ubu muramuzi kandi mwamubonye.”  Mike ugomba kuvugako yarikw’arababwira ko bamubonye, baba bamaze kubona Data?

M         : Tubandanye buhoro buhoro, kandi ntuhagarare... soma 8 n’ukuvuga Yohana 14:8

C         : “Filipo aramubwira ati mugenzi twereke So, bizoba bihaye.”  Ndumva bitanguye kuryoha kuko Filipo yagomba kubona Data mu kuvugana na Yesu!

M         : Nakubwiyeko tubandanya buhoro buhoro kandi ntuhagarare, bandanya usome umurongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:9

C         : “ Yesu aramubaza ati mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ubonye jewe aba abonye Data, non’uvuga ute ngo twereke So?” Nkuko tubibona Yesu aratangaye cane kubona Filipo atari bwabone Data! Bisobanura ko Yesu ubwiwe ari Data! N’aha ntivyoroshe gutahura!

M         : Ntuhagarare kandi! Turangiriza ku murongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:10

C         : “Nti wizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe ? Amajambo mbabwira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.” Ubu birasobanutse kuruta! Ariko Mike, mbega turashobora kwita Yesu “Alufa na omega, uwa mbere n’uw’iherezo” Izina ryitirirwa Uhoraho gusa nkuko tubibona muri Yesaya 44:6?

M         :Ego cane urashobora gusoma ivyo Yesu yabwiye Yohana mu Vyahishuriwe1:17

C         : “Ndamubonye ni kubita imbere y’inyundo ziwe nk’upfuye; maz’anshirak’ukuboko kw’iburyo, ati ntutinye; jewe nd’uwa mbere kandi nd’uw’iherezo.”

            Biratunganye! Mbega har’uwavugishwa n’Imana mw’Isezerano rya Kera yavugishijwe kuri Yesu amwita Imana?

M         : Ego cane! Soma Yesaya 9:6 ( Mu ndime zimwe ni Yesaya9:5)

C         : “kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukuma w’amahoro” .

            Nivyo nyereka igice kimwe aho intumwa yise Yesu “Imana yanje” Yesu akavyemera?

M         : Soma Yohana 20:28-29

C         : “Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.  Yesu aramubwira, ati Wijejwe n’uk’umbonye. Hahirwa abatarinze kubona yamara bakizera.”

            Vyose biratunganye ariko ngomba unyereke akarorero kamwe aho Imana ishobora kuba mu mwanya umwe Data, Mwana na Mpwemu Yera?

M        : Ndazi umwigisha wa kaminuza muri Kongo, yigisha ibiharuro kandi agakora nk’umuyobozi mu ruganda rucukura ubutaka kandi ar’umupastori w’ishengero. Yakora ivyo bintu bitatu wenyene ariko kamere kiwe kaguma kakandi nyene... kw’ishengero,kuri kaminuza, no mu ruganda rucukura ubutaka yaguma ari wa muntu umwe nyene arikw’ivyo yakora ni vyo vyatandukana. Niko bimeze no ku Mana, ni Data, Mwana na Mpwemu Yera. Imwe rudende yigaragaza mu buryo butandukanye.

C         : Mike urakoze cane kubwo kwihangana kwawe kandi nizera ko tuzozubira uwundi musi.

M       : Nongeye kugusigira umurongo wo muri Yakobo1:22-24 utubwira ko tutoba abumviriza gusa ijambo ry’Imana ariko ko tworigendera.

            Nagasaga Corinne

C        : Nagasaga Mike kandi Imana iguhezagire

        

Mu gifaransa, fyonda kuri: EnseignementsGUIGOZ

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

1