OUT OF THE WAR, ENOUGH IS ENOUGH! Tel: (416) 913-0139

 

     

La Parole du Jour Daily Word Enseignements Guigoz Dusome Ijambo Itangiriro Abatwandikiye Ivyiyumviro vyanyu Saba Amasengesho Amafoto Twandikire

 

 

 

 

                                                              

                                                                

                                                  E.A.C

                                        

  Bavukanyi bo muri Afrika y'ubuseruko>

 

Intumbero yacu yo kwugurura iyi website ni ukugirango dufashe bene wacu bariko barageregeza kuva mu ntambara yatejewe na Satani, abantu bagacanamwo kandi ari bamwe. Ivyabaye vyarabaye, ahasigaye ni ukugira ngo twitegure Umwami wacu Yesu kuko vuba bidatevye agiye kugaruka.

 

Ari abantu, ari n'Umuremyi wacu, twabonye vyinshi bidashimishije nagatoya. Niyo mpamvu twiyemeje gukora iyi website, kugirango dufashe abantu mu gusoma ijambo ry'Imana kuko ariho nyene hari amahoro adashira.

 

Musanzwe muzi ko amahoro akenewe cane mu buzima bwa kiremwa muntu wese. Na cane cane Abarundi n'Abanyarwanda dukunze kuramukanya twifurizanya amahoro; ivyo bikaba bivuga ko ayo mahoro tuyakeneye cane.

 

Ariko kandi, ntushobora gutanga ayo mahoro atayo ugira! Bitari ivyo uba wihenda!

 

Amahoro dushaka kuvuga ni yayandi umukiza wacu yasigiye abigishwa b'iwe; aribo twebwe bo muri kino gihe. Yarababwiye ngo: "Ndabahaye amahoro yanje. Jewe sintanga nk'uko ab'Isi batanga. Imitima yanyu ntihagarare".

 

Ayo niyo mahoro turiko turashaka kubabwira. Ayo nayo akaba atangwa na Yesu gusa.

 

Ayo mahoro agendana n'urukundo nyakuri! Ukunda mugenzi wawe, ntabwo wamwifuriza inabi na gatoya kuko uba ushaka kubana amahoro nawe.

 

Intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye urukundo ati: "rurihangana, rurenzako muri vyose, ntirwishimira kugira nabi kw'abandi, ntirwihayagiza. Ngo hagumyeho kwizera n'urukundo, ariko ikibisumba vyose ni urukundo."

 

Bene data, nagira ndabibire akabanga! Niba ushaka kuramba no kuba amahoro, ukabaho nta kibazo ugirana n'abantu (ngomvye kuvuga inzangano zitagira epfo na ruguru ziterwa na wa murwanizi ariwe mwanzi w'Imana n'abantu Satani), iringire Umwami Yesu. Ndabizi ko abantu bagoye kubana, ariko uwo Yesu tubabwira ni nawe azodufasha akaduha inkomezi zo kubishikaho.

 

Umugambi wacu rero ni ugufashanya no guterana intege muri iki gihe tugezemwo; ndetse no gusengeranira kuko  Ijambo ry’Imana ritubwira ko gusenga gukingura Ijuru.

 

Ivyananiranye bidashoboka ntahandi uzobona intsinzi uretse kuja kumavi yawe ukabwira Umwami w'amahoro Yesu.

 

Niba ufise umwanya wo kumuha we ariteguye kukwumviriza. Niba utabishoboye kandi twandikire! Dufise bene  data na bashiki bacu biyemeje gutamba igitambo caburi musi  kubwanyu.

 

Imana  Ibahezagire.

 

Alphonse Nahimana

 


 

 

 

 

 
 

 

1