OUT OF THE WAR, ENOUGH IS ENOUGH!

Telephone: (416) 913-0139

 

 

ITANGURIRO SERVANTS OF GOD La Parole du Jour Daily Word GUIGOZ CONTACT ALPHONSE MSG ARCHIVES Saba Amasengesho Amafoto

 

 

 

  Dusangire ijambo ry'Imana...

 

 

Ijambo mu Kirundi Articles en français English articles



Reba ino film y'ubuzima bwa yesu

Film: La vie de Jésus

 

The Jesus movie
  La foi: Film  Hope, Faith: Movie
Mbega norengukana iki imbere y'Uhoraho? Celui qui m'a guéri... The man who made  me well...

 

Uwankijije ni  we  yambariye...

 

La source fait-elle jaillir par la même ouverture l’eau douce et l’eau amère?  

 

Inkuru nziza ku rupfu

 

   

Umuti w'ubwoba ku bashakanye no ku miryango

   
 

Mbeg’iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mumbizi imwe?

   

 

 

 


 

MBEGA NORENGUKANA IKI IMBERE Y'UHORAHO? Mika 6:6

 

Nivyiza cane  kuba Mwitorero  canke  mwishengero,  kandi  nivyiza kwitwa  umu Kristo.

Ndetse bamwe  usanga dufise  nibimenyetso  biranga  Idini  ryacu  canke  abo turibo   ndetse   nivyo   dukora   n’imirimo  dukoramwo.  Ivyo rero  bikaba bigaragaza  ko tuvyishimiye kandi arivyiza  kandi   ntaciza  nkavyo; gukorera  umwami  Wabami  yaremye  Ijuru   ni  Isi.

 

Mubihugu  vyacu  nibaza ko ntihenze  hafi  95% turi   a’Bakristo;  ivyo  birazwi neza  kandi  ntaciza  nkavyo! Kuba  ufise  aho usengera  aho  ubarizwa mbere, ukagira  nico ukorera  Imana yawe  murayo mashengero  turimwo  mukwereka  Imana yacu ko  ari  umuremyi  wacu.

 

Dukeburane  gato nkuko twabibabgiye  tugitangura  intumbero yacu  nugufashanya  muru rugendo   turimwo. Ntabwo vyoroshe kubwira  umuntu  urugendo  urimwo kandi  yama akubona  iruhande  rwawe  buri   musi.   Urugendo  ndiko   ndavuga  n’urwo  mumwuka  wera   muri  make   mubuzima  bwamisi yose.

 

Ico  uhoraho  adukeneyeko.

 

Mika 6:7      “Mbega  Uhoraho yohimbagwa n’amapfizi y’intama ibihumbu, cank’ inzuzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi”? Notanga iki infura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje? Nkayitanga ku caha c’umubiri wanje? nkayitanga ku caha c’umutima wanje? Ko  yakweretse iciza  ic’ari co ga  yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako atari ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana  n’Imana yawe wicishije bugufi?

 

Gimvyo ibintu bitatu  Uhoraho atugombako :

 

  • Gukora ibiroranye 

  • gukunda  kugira  Imbabazi

  • No kugendana n’Imana yawe.

 

“Mbanje gusaba  imbabazi kumuntu uwari wese nshobora  kuba narahemukiye muburyo bumwe canke ubundi;  ambabarire kuko  aya majambo akoze  kumutima  wanje. Kandi nanje gushika ubu numva ntanze  izo mbabazi  k’uwambabaje  wese.”

 

Nkuko  Ijambo ry’Imana rihejeje   kudusuzuma  ushobora kuba  uri  mwi dini uri mazemwo igihe  kirekire,  ndetse   ukora ibikorwa  vyidini  canke  witanga muburyo bumwe ncanke  ubundi, urazi  ivyukora  mwishengero  ryawe,  ariko  ukaba  ufise  umuntu  utaraha  imbabazi  kuvyo  yagukoreye;  ndetse noku muramutsa nikibazo. Ariko ubandanya uja  umwitorero. Stop! “ Yesu yaravuze ati  niwaja  gutanga  ishikanwa ryawe canke ikimazi cawe  ukibuka ko  haruwo mufise  ivyo mupfa  iryo  turo  urisigaho   ubanze  uje  kwitatura nawe.”  Nico conyene   gihimbara   “Uhoraho”, naho  ibindi   ivyo woba  uriko  uri ruhiriza  ubusa ..

Umve ico  umuhanuzi  Yesaya  abivugako Yesaya  57:15 “ Umwami Yesu yigisha gusenga umve ingene yavuze  muri Matayo 6:14 Kuko ni mwaharira  abantu ivyaha vyabo, na  So wo  mw ijuru azobaharira namwe.Ariko ni mutaharira abantu ivyaha vyabo na So nawe ntazobaharira ivyaha vyanyu”

 

Mukuranginza

Umve inge umukozi  w’Imana Matayo yabivuze mugitabo c’iwe ibice 5. 43-47 Ni mwakunda  ababakunda, muri nimpera ki? Mbega abatozakori bo  si ko bagira?  Nimwaramukanya  n’incuti zanyu gusa, abandi  muzoba mubarusha  iki?

 

Reka  umwami Yesu abe  uwambere mubugingo bwawe nkuko  twabibabgiye mugutangura ibidashobokera abantu bishobokera  Imana.

 

Isengesho

 

Mwami   Yesu, ndagushimira ko  wambabariye kandi kowama  umbabarira buri musi. Ndagusaba ngo umpe inkomezi zo kubabarira  abandi  ubwugiye kuza vuba gutwara ishengero ryawe,  nanje nzonezwe no kugusanganira .

Amen. 

 

NA

 


 

 

THE MAN WHO MADE ME WELL TOLD ME "PICK UP YOUR MAT AND WALK"

 

The man who made  me well  told me “pick up your mat and walk.”

 

 Later, Jesus went to Jerusalem for another Jewish festival. In the city near the sheep gate was a pool with five porches, and its name in Hebrew was Bethzatha. Manu sick, blind, lame and crippled people were lying close to the pool. For an  angel went down at certain season into the pool, and troubled the water: whosoever then first after the troubling of the water stepped in was made whole whatsoever disease he had. Beside the pool was a man who had been sick for  thirty-eight years.

 

When Jesus saw him lie, and he knew that he had been now a long time in that case, he said to him, “ Do you want to be well?”

 

The sick man answered, “I have no one to help me into the pool when the water stirred. While I am trying to get in, someone else goes down ahead of me.”

 

Then Jesus said to him, “Get up! Pick up your mat and walk.”

 

John 5:1-10

 

Dear friends of the Cross, while I was reading this passage, I learned a lot of things that I would like to share today. As we read it earlier, there was an angel who went down at certain season into the pool, and troubled the water; and whosever stepped in was made well. As you all know, handicaps are different. However, the one who was healed by Jesus had been in such a state for 38 years, which is a long time. Despite all that, the sick man never wanted to leave that place, for he was hoping to get his healing. Let’s compare this pool to our Father’s house where you can find both Love and Forgiveness.

 

Although Jesus knows the man has been ill for a long time, he nevertheless initiates the contact by asking if he wants to get well.

 

What would we say if we were asked whether we wanted to be healed of our own illnesses, physical or otherwise?

 

Your infirmity might not be physical; however, your thoughts might have been your burdens, and that for a long time. Jesus wants to heal you. Your illness might be a lack of love, loss of interest in reading the word of God, lack of faith in Believing that God is able or believing his Word, you might believe yourself as being wise and not needing the Savior, or your illness might be hatred, unforgiveness, jealousy, selfishness, and many, many more…

 

Nevertheless, your disability might be physical. The good news is that He desires to grant each of us life, for He is able. He is the same as the one yesterday, today and forever. The question is, “ Do you want to be rid of your illnesses?”

 

Jesus knows each of your illnesses or burdens and he is waiting for you to ask .  All you have to do is to believe and He will heal you.

 

Prayer

 

Lord Jesus, I have just been revealed my illnesses that I have been carrying all those years. I need your healing, whether physically or spiritually; so as I can honor you.

Please make me yours. Amen

 


 

CELUI QUI M'A GUERI M'A DIT: PRENDS TON LIT, ET MARCHE

 

 

Quelque temps plus tard, Jésus remonta à Jérusalem à l’occasion d’une fête Juive. Or, dans cette ville, près de la porte des Brebis, se trouvait une piscine entourée de cinq galeries couvertes, appeléw en hébreu Béthesda. Ces galeries étaient remplies de malades qui y restaient couchés : des aveugles, des paralysés, des boiteux, qui attendaient le mouvement de l’eau ;

Car un ange descendait de temps en temps dans la piscine, et agitait l’eau ; et celui qui y descendait le premier après que l’eau avait été agitée était guéri, quelle que fùt sa maladie.

 

     Il y avait là un homme malade depuis trente-huit ans.

     Jésus le vit couché ; quand il sut qu’il était là depuis si longtems, il lui demanda :

-----Veux-tu être guéri ?

------Maître, répondit le malade, je n’ai personne pour me plonger dans la piscine quand l’eau commence à bouilloner. Le temps que je me traîne là-bas, un autre arrive avant moi.

------Eh bien, lui dit Jésus, lève-toi, prends ta natte et marche,

 

Jean 5: 1-10

 

Chers amis de la Croix, lorsque j’étais en train de lire ce passage, j’ai appris énormement de choses que j’aimerai que l’on partage aujourdh’ui. Comme nous l’avons lu, il y avait un ange qui, de temps en temps descendait dans la piscine et agitait l’eau ;et celui qui y descendait le premier était guéri. Mais comme vous savez, les infirmités sont divers ; cependant celui que Jésus guéri avait été infirme pour 38 ans, qui est une très longue période. Malgré ça, cet infirme n’avait jamais voulu quitter cet endroit, dans l’espoir d’y acquérir sa guérison. Comparons cette piscine à la demeure de Dieu dans laquelle résident l’Amour ainsi que le Pardon.

 

Nous avions lu qu’à n’aucun moment, notre Guérisseur Jésus ne demanda à l’infirme depuis combien de temps il avait été dans cet état ; car les yeux de notre Roi de la Paix voient tout. La question fut : veux-tu être guéri ?

 

Essaie toi-même d’imaginer si quelqu’un te posait une telle question alors que tu es couché et malade ce que tu lui répondrais. Nous avons vu comment ils conversèrent.

 

Ton infirmité pourrait ne pas être physique, mais par contre tes pensées pourraient être lourdes à porter, et cela depuis plusieures années. Jésus veut te délivrer. Il se pourrait que tu aies en toi un handicap de manque d’amour, un handicap du manque de la soif de lire la Parole de Dieu, l’handicap d’un manque de Foi que Dieu est capable de tout, un handicap de douter sur la parole de Dieu, un handicap de te croire sage et que tu n’as pas besoin de Celui qui délivre, un handicap de la haine, la rancune, l’égoïsme, ainsi de suite.

 

Mais il est possible que tu sois aussi un handicap physique. Jésus est prêt à te délivrer de toutes ces infirmités, car Il en est Capable. Il est le même, hier, aujourdh’ui et demain. Il ne change pas. Qu’est-ce que tu aimerais qu’Il fasse pour toi ?

Jésus sait que tu traînes toutes tes infrimités depuis lontemps ; Il attend que tu le lui confies. Tout ce que tu dois faire c’est croire ; lui se chargera de te guérir.

 

Prière

 Seigneur Jésus, je viens de comprendre quelle infirmité j’ai depuis longtemps, je désire que tu me délivres ; que ce soit physiquement ou dans les pensées qui n’honorent pas ton nom. Je te demande que tu me fasses l’un des tiens. Amen

 


 

UWANKIJUJE NI WE YAMBARIYE ATI:"IKORERE IKIRAGO CAWE, UGENDE."

 

 

Hanyuma  y’ivyo haba imisi  mikuru y’Abayuda; Yesu aduga I Yerusalemu. Hafi  y’rembo ry’intama ,hari’  ikidengeri ,mu Giheburayo citwa Betesida,carikw  amabaraza atanu. Muri yo  hari haryamye abantu beshi barwaye,ni’impumyi, an’abacumbagira n’abanyunyutse.Bari barorereye  kw amazi azikuruka. Kuko rimwe –narimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri,akazikurura amazi. Maze’uwitangiye gutambukiramwo,amazi azikurutse niwe  yakira indwara ymufashe iy’ ari yo yose.]

 

Hari ‘ umuntu yar’afise indwara ayimaranye umyaka mirongwitatu n’umunani.Yesu amubonye aryamyeho, kand’ amenye kw amaze igihe kirekire,aramubaza, ati  Wumva ugomba  gukira?

 

Uno arwaye aramwishura, ati Mugenzi,nta muntu mfise wo kunyinikira mukidengeri iy’amazi azikurutse:kuko ngira ngo ndaza undi  akantanga gushungurukiramwo.Yesu aramubgira, ati  Va  hasi , ikorere ikirago cawe,ugende.

 

Yohana 5:1-10

 

Ncuti z’umusaraba  igihe nariko ndasoma  ayamajambo  nize vyishi ari navyo nashaka ko dusangira  uyu  musi. Nkuko  twabibonye  muri gice  havuga ko  icokindengeri  Marayika yaza  murayo   mazi  agakiza  umuntu  yaba  ashoboye  kwururukiramwo. Ariko  kuko  muzi ko  ubumuga butandukanye, uwo  Yesu  yakijije  murabona  imyaka yaramaze 38 nimyishi cane  ariko  yari  yarase  kuva  ho  adakize. Reka  icokidengeri  tukigeranye     n’Inzu y’imbabazi nikigogwe  vy’Imana yacu.

 

Twasomye ko  Umwami  wacu  Yesu  ntabgo  yamubajije  igihe  amaze  agwaye kuko  amaso  y’Umukiza  wacu abona vyose;  ikibazo  cari  urashaka  gukira?

Niwibaze  nawe hamwe umuntu yokubaza  ikibazo  nkico  kandi  uryamye  urwaye  ingene womwishura.  Twabonye  inge  baganiriye.

 

Ushobora  kuba  utamugaye  muburyo  bg’umubiri  wawe  ariko  umugaye muvyiyumviro  vyawe  kandi  ubimaranye   imyaka  myishi  Yesu arashaka kukubohora,  ushobora kuba  umaze  igihe  ufise ubumuga  bgukudakunda,  gusenga no gusoma  Ijambo ry’Imana, ushobora  kuba  utizera ko  Imana ishobora vyose , ushobora kuba  wuzuye  gukekeranya  ivyerekeranye   namajambo y’Imana,  ushobora  ukuba  wiyemera  wewe ubwawe  w’iyita  umunyabwenge bwishi, ko  udakeneye  umukiza, ushobora  kuba wuzuye  urwanko, kutababarira,  ishari , kwikunda,  nibindi  nibindi.

 

Ariko kandi  ushobora  kuba  umugaye  no mumubiri . Yesu  yiteguye  kugukiza  murivyo vyose kuko  arabishoboye;   uko  yari  ejo niko  ari  nuyu musi  niko  azokwama ibihe  bidashira. Ikibazo  niki    wumva  ugomba   gukira?

 

Yesu arazi  ko  ivyo vyose  ubimaranye  igihe  kirekire , arararindiriye kumubgira; akazi kawe  nukwemera   kugwaye,  ahasigaye  aragukiza.

 

Isengesho 

 

Mwami Yesu ntahuye neza  ubumuga bganje maranye  igihe  kirekire  ndifuza  kubohorwa nawe  haba mumubiri canke muvyimviro  vyanje  bitaguhesha icubahiro

Ndagusaba ungire uwawe  Amen.

 

 

NA


 

INKURU NZIZA KU RUPFU

 

 

Ncuti zanje nongeye  gushima  Umwami wacu  ko yongeye kumpa  aka kanya  kugira  tuvugane ivyerekeye  urupfu.

 

Ubuzima niki?

 

Abapfuye  barihe?

 

Abapfuye  barumva canke  harico bamenya?

 

Ntamuntu n’umwe atarabura  uwiwe;  umugabo,  umugore,  umwana,  umugenzi,  incuti  zacu dukunda. Naho  urupfu  rumaze  imyaka myishi biragoye  kurumenyera.

 

Reka  dusome  Ijambo ry’Imana  ritubwire  ubuzima icarico.  Itanguriro 2:7 hatubwira ko  umuntu  agizwe nibintu  bibiri  gusa :  Ubutaka ni  Mpwemu.  Uhoraho amaze kubumba umuntu  mubutaka, yamushizemwo  impwemu  yiwe  ac’ aba  umuntu. Ico nico twita  ( ubuzima).

 

Abapfuye none bari  he? Ico nikibazo  abantu  beshi  dukunze  kwibaza.  Bamwe bati bari  mwujuru, abandi  nabo iyo  upfuye  uhinduka  ikindi  kintu  tutazi ,  abandi  nabo bati  nibisiga  ubwenge  bwacu.  Zaburi 146:4 hatubwira  ko  iyo umuntu  apfuye  Impwemu  isubira  kuwatanze  umubiri ugasigara  mubutaka.

 

None se  abapfuye abarumva canke  umuntu  ashobora  kubakunda  canke  kubakorera  ivyiza? Niwirabire  nawe   ingene  ijambo   ry’Imana ico  ribivuga ko Umusiguzi 9:5-6 (Ecclesiastes) hatubwira ko  ntakintu  nakimwe bazi; ntushobora  kubakunda  canke   kubakorera  ivyiza  kuko  atanakimwe  baba babona. Ninayo  mpamvu   ncuti zanje  niwaba  waragiriwe   ubuntu   bwo  kugira  umuvyeyi wawe,  mugirire   ivyiza    akiriho;  niwaba  ufise   umugore  canke   umugabo  mugirire  ibishoboka  vyose  kuko  abapfuye  ntaco  bamenya.,ejo   utazokwicuza   gushaka  kugira  ico  ukorera  umukunzi  wawe   kandi   ataco  bigitanga .  Kujana  amashurwe  umwereka  ko   umukunda   ariko   akiri  muzima  utigeze  uyamuha.

 

Inkuru nziza rero 

I Ab’Ikorinto 15:51-55

Intumwa Paul  ati  Ehe  ndababarire  akabanga: ntizosinzira twese, ariko tuzohindugwa  mu kanya  gato, uyu  mubiri uzohindurwa  mukanya  gato  uzo kwambara  kutabora  niho  tuzobwira  urupfu tuti  warupfu  we, uruboyi rwawe  ruri hehe.? Aho  niho  abantu  tuzoja  kwibera mwi Juru  ibihe  bidashira  mugihe  tuzoba  turiko turabonana  nabacu  twabuze   tutanse   ntamarira  azosubira  kubaho ,  ntagahinda kazosubira kubaho,  hazobayo  amosozi   yumunezero gusa.  Raba  ico  Yohana  yabuvuzeko.   Ivyahishuwe 21-4 “Imana  yacu   izohanagura   amosozi   kumaso  yacu.”   Ntampamvu nimwe  rero  yogutinya  urupfu  niba  warakiriye   Yesu  nkumukiza  wawe   kuko  urupfu  ari  ugusinzira. Araba  ico  yabivuzeko  igihe  yaja  kugarukira  kuri babakobwa  bari babuze  musaza  wabo  Lazaro, Yohana   5:28-29  Niba  ugifise  rero  ubgoba bg’rupfu kandi witwa ko wakijijwe ufise  ingorane ufukame usabe Yesu  aguhe   ivyo  vyizigiro .

 

Niba  ufise ikibazo  kuvyerekeye  urupfu   twandikire  kubwo gufashwa n’Imana yacu. Turingaha kugira  dufashanye.

 

Imana  ibahezagire

 

NA   

 


 

 

Gods Antidote For Fear in Marriage and The Family

 

Musanzwe muzi ko ejo 14/2/04 war’ umusi abantu beshi bakundanye bariko ba kuvugurura urukundo rwabo.bahana impano (gifts),nk’amashurwe nibindi Valentine’s day

 

Pastor  Carlton Roulston, arongoye Ishengero  ry’ ( New  Life African Fellowship  S D A Toronto.)

Yavuze  ati:  “ muri ibi bihe  turimwo  ibintu  biriko  birahindagurika  cane  cane mumiryango, mububatse.  Kabaye  akanya ko kwibutsa  ishengero   ko bagomba gusubira kushingano zabo mumiryango yabo;  ingo zabo  zikaba  i Juru  rito  hano kwisi.”

 

 

Muvyukuri  twese turazi  ingene Satani  yibasiye  imiryango  muriy’imisi aho usanga imiryango myishi itacishimiye kubana. Ugasanga umuntu aratwenga  ari hanze, kukazi, mw’itorero, mwi shengero; ariko yamara kwinjira   murugo iwe  umunezero yarafise   ukaguruka kandi  mumuryango ariho umuntu yarakwiriye kwishimira kuruta ahandi hose.

 

Pastor Carlton Roulston, muka rorero yatanze, yavuzeko  imiryango  myishi  isenyuka kubera  ubgoba.  Umwe akavuga  ati:  kumbure  umugabo wanje  azohava  akunda  abandi bagore; canke  kumbure  umugore  wanje  azohava  akunda abandi  bagabo!  Ubgoba rero nigi koresho Satani  akoresha  cane  muriyi misi.  Raba  ico Yohana  yabivuzeko.  I Yohana 4:18 havuga  hati : “ntabgoba buba mu rukundo, arik’ urukundo ruhinguwe  rusenda  ubgoba, kuk’ ubgoba bugendana n’igihano, kand’ ufise ubgoba ntarahingurirwa murukundo.”

 

Imbere yuko  arangiza  iryo teraniro vyara boneka  neza  kwabantu bose bari baraho batsitnzwe nayo majambo,  ndetse  yatanze  nimpanuro kubi mirije kwubaka  ko imbere yuko bafata  icemezo, boja  kumavi cane  bagasenga kugira  Imana  ibahe abafasha bakwiranye,  bazobane  ibihe vyose.

 

Niba  ufise ubwoba kumugore  wawe  canke  k’umugabo wawe  iyo ningorane! Ariko rero Yesu  wacu  yiteguye kukumara ubwo bwoba. Gusengera hamwe numuryango  wawe nivyo bizotuma bitsinda  ivyo vyose;  no kuvugana  kuvy’rugo rwanyu bizotuma  urugo rwanyu  ruba  Ijuru rito hano kwisi  mugihe  dutegereje  umukiza  wacu.

 

Isengesho

 

Mwami  Yesu, ndagushimiye ko  wampaye  umuryango.    Nziko ushoboye  vyose,  ndagusaba  inkomezi  kugira  ndushirizeho  gukorera  umuryango washinze  muru kundo,  mumahoro, no mukwereka  abandi  kur’Imana Ishobora  vyose.

Kugira  niwaza  nzovuge  nti:  ndihano mwami  Yesu  n’muryango  washinze.

Amen.

 

 

NA

 


 

 

La source fait-elle jaillir par la même ouverture l’eau douce et l’eau amère ?

 

Chers frères de la Croix, que Dieu soit loué. Lorsque j’étais en train de lire ce passage qui se trouve dans Jacques 3 :12,  j’ai ressenti que l’Esprit Saint  me disait de le partager avec vous. Comme nous tous avons une « langue », vous savez à quel point les paroles qui sortent de notre bouche peuvent soit, bénir, soit maudire.  Ceci va être notre discussion d’aujourdh’ui.

Jacques lui dit : « nous bronhons tous de plusieurs manières. Si quelqu’un ne bronche point en paroles, c’est un homme parfait, capable de tenir tout son corps en bride. La langue est un petit membre, elle est placée parmi nos membres souillant tout le corps, et enflammant le cours de la vie, étant elle-même enflammée par la géhenne. » 

La langue, aucun homme ne peut la dompter . Par elle nous bénissons le Seigneur notre Père, et par elle nous maudissons les hommes faits à l’image de Dieu.

De la même bouche sortent la bénédiction et la malédiction. Il ne faut pas, mes frères, qu’il en soit ainsi.

La source fait-elle jaillir par la même ouverture l’eau douce et l’eau a amère ??

Ceux qui ont des téléphones savent très bien combien de temps nous passons à critiquer les autres, tout en sachant qu’on y gagne rien du tout!  Ellen G. White, dans son livre intitulé Steps to Christ, a écrit  en disant que s’il arrive que tu vois qu’il n’ya aucune bonne chose que tu puisses attribuer à ton ami, essaye de retenir ta langue ; car l’une des raisons pour lequelles tes prières demeurent sans réponse, c’est bien la calomnie.

 

David dans Psaumes 50:21 a écrit : « Voilà ce que tu as fait, et je me suis tu. Tu t’es imaginé que je te ressemblais ;

Mais je vais te reprendre , et tout mettre sous tes yeux . » Dans peu de mots, les anges rendent comptent journalièrement sur tout ce nous disons ; que ce soit ce que nous disons en cachette ou pas, nos conversations sont suivies de près par Celui à qui l’on ne peut rien cacher.

 

La prière : Seigneur Jésus, je te rends grêce car je suis encore en vie aujourdh’ui. Même s’il est arrivé que je calomnie sur mes amis alors que tu m’avais donné une langue afin qu’elle te glorifie, je te supplie afin que tu changes ma façon de vivre, que j’apprene à  parler du bien de mes amis. Je le demande au nom de Jésus. Amen

 

 


 

Mbeg’iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mumbizi imwe?

 

 

Ncuti z’umusaraba  Imana  shimwe cane.   Mugihe  nariko ndasoma  aya majambo ari muri Yakobo (James) ibice  3: 12 numvise ko umwuka  wera   ambgira ko  tugomba  kuyasangira. Nkuko  twese   dufise  indimi, murazi  ingene amajambo tuvuga  ashobora  gukiza  canke  akica. Nivyo  tugiye  kuganirako.

 

Yakobo  we  yavuze  ati: Kuko twese dutsitara muri vyishi, umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye rwose.  Ururimi n’urugingo rutoya, rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.

 

Ururimi nta muntu yoshobora kurugunda:( It is a restless evil, full of deadly poison)

Urwo ni rwo dushimsisha Umwami Data watwese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, baremwe mwishusho y’Imana:  mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo.

Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.Mbega’riba ryodudubaza amazi aryoshe n’ay mururazi mu mbizi imwe??

 

Abafise amatelephone , murazi  umwanya  tumara  turiko  turashira  hasi  bagenzi bacu kandi  atariko  vyakangovye kumera. Ellen G. White  yaranditse mugitabo ciwe citwa (steps to Christ) ati : “Nubona ko mungenzi wawe  ntaciza umubona ko,  uzohore ufate ururimi rwawe kuko  mubibuza  amasengesho yawe  kwumvirwa  ivyo birimwo.”

 

Nanone  Dawidi  muri  Zaburi  50:21  yavuze ati  ivyo  urabikora  ngaceceka  ukibaza ko mpwanye nawe ariko  umenye ko  ivyo  ugira  vyose ,nzobicisha  imbere yamaso yawe kumusi wurubanza.  Muri  make  aba Marayika batanga Raport  kumusi kumusi  ivyo tuba twavuze, arivyo uvuga  wihishije canke kumugaragaro,  ibiganiro vyawe  umenye ko bikurikiranirwa hafi  na mutanyegezwa wo mwijuru.     

 

Isengesho: Mwami Yesu ngushimiye ko  uyu musi   nkiri muzima.   Nubgo  nagiye  mvuga  nabi  bagenzi  banje  kandi  wampaye  ururimi  kugira  rugukorere;  uyumwanya  ngusavye uhindure  ukubaho  kwanje  mugushira  hejuru  bangenzi banje mbisenze mwizina  ry’Yesu Amen.

 

NA

 

 

 

 

 

 

 

 
 

 

setstats 1